Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 11:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nk’uk’ utazi inzira y’umuyaga iy’ ari yo, kandi nk’uk’ utazi ingen’ amagufa akurira mu nda y’ūtwaye inda, uko ni k’utazi igikorwa c’ Imana Rugira vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 11:5
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Īshobora vyose nta ho twoshobora kuyiserangura: ifise ububasha bunyomoje; Kand’ ica imanza zibereye, igira ukugororoka kwinshi: Nta ho idendereza.


Mbega wewe wari hehe, igihe nashirah’ amatanguriro y’ isi? Bivuge, namb’ ufise ubgenge.


Ni yo ikora ibihambaye bidaserangurwa, N’ibitangaza bidaharūrika;


Uhoraho we, ereg’ ibikorwa vyawe n’ivy’ uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: Isi yuzuye ubutunzi bgawe.


Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharūrwa.


Ereg’ ibikorwa vyawe birakomeye Uhoraho! Ivyiyumviro vyawe bishika i bgina kure.


Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.


Umuyaga ushira i bumanuko, ugahindura ushira i burārūko; uhindagura akanya kose mu rugendo rwawo, maz’ ugasubira mu gushira irya n’ino kwawo.


Ūgendeza umuyaga ntazobiba, kand’ uwitegereza ibicu ntazokwimbura.


Nitegereje umuruho Imana yahaye abana b’ abantu ng’ ubaruhishe.


Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’ umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.


Ibiri kure, bikaba i bgina iyo bihera, ni nde yoshobora kubishikīra?


ni ho nitegereje igikorwa cose c’Imana, yuk’ umuntu adashobora gutahura igikorwa gikorerwa musi y’izuba: kuk’ umuntu naho yokovya ate mu kugiserangura, atoruha agitahura; mbere nah’ umunyabgenge yokwibgira kw akimenye, na we nyene ntazoshobora kugitahura.


Ntiwaribgabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha; ubgenge bgiwe ntibuserangurika.


Umuyaga uhuhuta ah’ ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye ah’ uva, n’ah’ uja; uko ni kw amera, ūvyawe na Mpwemu wese.


Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ