3 Ibicu iyo vyuzuyemw’ imvura vyisukanurira kw isi; kand’ igiti iyo gihenuka cerekeye i bumanuko, canke cerekeye i burārūko, aho hantu igiti cahenukiye ni ho kiguma.
Nuko hashize akanya gatoya, ijuru ryubikiza ibicu, umuyaga urakubeba, hagwa imvura y’isegenya. Ariko Ahabu yūrira mu mukogote wiwe, aja i Yezireli.
Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.
Ūgendeza umuyaga ntazobiba, kand’ uwitegereza ibicu ntazokwimbura.
Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rer’ igiti cose kitāma ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.
Abgira umukozi w’uruzabibu, ati Rāba, none n’imyaka itatu nza kurondera insukoni kur’ uyu musukoni, sinzibone; uwuce: ugasarira iki aha hantu?
Arik’ ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’ uyo, mbeg’ ugukunda Imana kwoguma muri we gute?