Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 11:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 11:2
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.


Ni co gituma uwo musi w’icumi na kane w’ukwezi kwitwa Adari, Abayuda bo mu misozi, baba mu bisagara bitagira inzitiro, bawugira umusi wo kunezerwa no gutumiranako, n’ umusi mwiza wo kugemuranirako.


kuba icibutso c’imisi Abayuda bāruhukiyekw abansi babo, n’ukwezi kwabahindukiye ukw’ umunezero mu gishingo c’umubabaro, bakaronka umusi mwiza mu gishingo c’uwo kugandarako; kand’ ababarira ko bayigira imisi yo gutumiranako no kunezerwa, n’iyo kugemuriranirako no kugabira aboro.


Izokurokora mu vyago bitandatu, Mbere no mu vyago ndwi nta kibi kizogukorako.


Yatanze isābagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira. Ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru mu cubahiro.


Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, Kand’ ukugira neza kwiwe azokumwishura.


Har’ ibintu bitandatu Uhoraho yanka, Mbere n’indwi bimusesema:


Ibicu iyo vyuzuyemw’ imvura vyisukanurira kw isi; kand’ igiti iyo gihenuka cerekeye i bumanuko, canke cerekeye i burārūko, aho hantu igiti cahenukiye ni ho kiguma.


Mbere nah’ umuntu yoramba imyaka myinshi ate, ayinezererwe yose; ariko yibuke imisi y’umwiza, kukw izoba myinshi. Ibizoza vyose n’ubusa.


Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;


None mugenzi, wemere inama nkugīra; reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kand’ ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri.


Kand’ uwo muntu azoba amahoro yacu. Umwashuri ni yaza mu gihugu cacu, akadusiribangira ingoro, tuzomugomorera abungere ndwi, n’abaganwa munani.


Yesu aramubgira, ati Jeho sinkubgira yuk’ ugeza indwi, arik’ ugeze indwi‐indwi gushitsa ibihetangabo mirongwirindwi.


Ūgusaba, umuhe, ūgomba kukugurana, ntumutere ibitugu.


Kandi ni yakugirira nabi indwi ku musi umwe, agahindukira ibihetangabo ndwi, akubgira, ati Ndihannye; uz’ ubimuharire.


Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.


mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi.


Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri.


Muti Baza imikangara yawe barabikubarira; muti Ngo Kandi natwe abantu biwe utugirire ubuntu, kuko tuje ku musi mwiza; muti Non’ aragusavye, ngw ico uzoba ufise cose, abe ari co uduha, twebge abasavyi bawe, n’umwana wawe Dawidi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ