10 Nuko kūra amaganya mu mutima wawe, kand’ ushire ikibi kure y’umubiri wawe: kuk’ ubuto n’ubusore ar’ ubusa.
Arik’ umuntu we, ubgenge bgiwe n’ubujuju: Mber’ avuka nk’inyana y’ indogoba y’inyeshamba.
Kuk’ unyanditsekw ibintu bimbereye umururazi, Kand’ ukansubizakw ibigabitanyo vyo mu busore bganje.
Inkomezi z’ubusore bgiwe zuzuye mu magufa yiwe, Zizoryamana na we mu mukungugu.
Ntiwibuke ivyaha vyo mu busore bganje, cank’ ibicumuro vyanje, Nk’ukw imbabazi zawe ziri, abe ari k’unyibuka, Kubgo kugira neza kwawe, Uhoraho.
Erega wahinduye imisi yanje nk’intambge z’intoke; Igihe c’ukubaho kwanje kuri wewe ni nk’ubusa: N’ukuri umuntu wese, naho yivuza, n’impwemu zihumetswe gusa. Sela.
N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.
Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana, Arikw inkoni y’uguhana izobgirukanira kure yiwe.
Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.
N’ubusa gusa, ni k’Umusiguzi agize; n’ubusa gusa, vyose n’ubusa.
Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;
Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.
Ariko kwifuza kw’ubusore uguhunge, maz’ ukurikire ukugororoka n’ukwizera n’urukundo n’amahoro, ufatanya n’abambaza Umwami wacu n’imitima itanduye.