Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 10:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Uwimba icobo azogikorokeramwo, kand’ ūmena urugo inzoka izomukomora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 10:8
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se.


Maz’ imisore cumi yatwaza Yowabu ibirwanishwa, ica Abusalomu irya n’ino, iramuhohosha, arapfa.


Nuko Hamani bamumanika kur’ ico giti nyene yari yiteguriye Moridekayi. Maz’ uburake bg’umwami burahwama.


Bateze ibirenge vyanje umutego; Umutima wanje uricurikiriye. Bimvye icobo imbere yanje: Baba ari bo bakirokeramwo. Sela.


Ubugororotsi bg’abagororotsi buzobakiza, Arikw abakora ivy’ ubugunge bazofatwa n’ukugira nabi kwabo.


Uwimba icobo azokigwamwo, Kand’ ūtembagaza ikibuye kizomugarukako.


Uwimba amabuye azomukomeretsa, kand’ ūsatura ibiti bimushira mw irinde.


Erega ni nk’ah’ umuntu yohunga intambge agahūra n’idubu, canke yokwinjira mu nzu agashinga ukuboko ku rusika, inzoka ikamukomora.


Kandi naho bokwinyegeza ku mpinga ya Karumeli, na ho nzobarondera mbanyegurureyo; canke naho bokwihisha inyonga zanje i bgina mu kiyaga, aho na ho nzogomora inzoka ibakomorereyo.


Aja i wabo i Ofura, yica bene se, ari bo bene Yerubayali, abakererera kw ibuye rimwe; ariko Yotamu umuhererezi wa Yerubayali, ararokoka, kuko yaciye yinyegeza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ