Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 10:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ntukavume umwami, eka naho vyoba mu vyiyumviro vyawe; kandi ntukavume umutunzi naho woba haruguru mu mpete: kukw inyoni yo mu kirēre izoritwara, kand’ igisīga kizovyandagaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 10:20
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwe mu bantu biwe aramwishura, at’ Oyaye, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko Elisa umuvugishwa wo mu Bisirayeli ni we abarira umwami w’Abisirayeli amajambo uvugira ku kirwa.


Iyo nama imenywa na Moridekayi; abibarira umwamikazi Esiteri; Esiteri na we abibarira umwami atumwe na Moridekayi.


kukw ari yo yipfuka yonyene, ari wo mwambaro wo ku mubiri wiwe; none yokwiyorosa iki? Ni yantakambira, nzomwumviriza, kuko nd’ umunyembabazi.


Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.


uruzi ruruzura ibikere, bidūge bije mu nzu yawe no haruguru, no ku buriri bgawe, no mu nzu z’abanyarugo bawe no mu z’abantu bawe, no mu dutanure twawe two kwotsamw’ imitsima, no mu mato yawe yo gucumba;


Bazoca mu gihugu bamerewe nabi cane bashonje: maze ni bafatwa n’inzara bazoshangashirwa, bavume umwami wabo n’ Imana yabo; bazorarama barābe hejuru:


Ariko Marita ahagarikira umutima kuzimana vyinshi; aramwēgēra, aramubgira, ati Mugenzi, ntibikubabaje yuko mwene mama yantereranye ibikorwa? Nuko mubarire amfashe.


Arabishura, ati Ndababgire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera.


Paulo, ati Sinari ndamuzi, bene Data, kw ar’ umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo Ntukavuge nabi umukuru wo mu bgoko bganyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ