Umwe mu bantu biwe aramwishura, at’ Oyaye, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko Elisa umuvugishwa wo mu Bisirayeli ni we abarira umwami w’Abisirayeli amajambo uvugira ku kirwa.
uruzi ruruzura ibikere, bidūge bije mu nzu yawe no haruguru, no ku buriri bgawe, no mu nzu z’abanyarugo bawe no mu z’abantu bawe, no mu dutanure twawe two kwotsamw’ imitsima, no mu mato yawe yo gucumba;