16 Uzobona ibara, wa gihugu, umwami wawe iy’ ar’ umwana, abaganwa bawe bakazindukira kurya.
Ut’ Ariko naho data yabatwaje igitugu, uti Jeho nzorushiriza; uti Data yabakubitisha ibimoko, ut’ Ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.
Maz’ abantu b’imburakimazi kandi b’inshirukanya bakoranira kuri we, baraheza binantaza kuri Rehobowamu mwene Salomo, igihe Rehobowamu yar’ akiri muto, akiri seniryo, adashobora kubahagarara imbere.
Zedekiya yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’ umwe; ayimarakw imyaka cumi n’umwe i Yerusalemu;
Yehowahazi yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’itatu; ayimarakw amezi atatu ar’ i Yerusalemu.
Kandi Yehoyakimu yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’itanu; ayimarakw imyaka cumi n’umwe ar’i Yerusalemu; akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari bibi.
Yehoyakina yagiye ku ngoma amaze imyaka cumi n’umunani; ayimarakw amezi atatu n’imisi cumi i Yerusalemu; na we akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.
Umuganwa w’imburabgenge akunda guhahaza cane, Arik’ uwanka inyungu mbi azoramba.
Ibikorwa vy’igipfu cose birakiruhisha, kuko kitazi n’ inzira ija i bgami.
Yamar’ abantu banje, abana ni bo babacuranguza, kand’ abagore ni bo babaganza. Yemwe bantu banje, ababarōngōra barabazimiza, kandi bazimanganya inzira mwociyemwo.
Ewe nzu ya Dawidi, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye uko bukeye, mukize ūnyazwe mumukūre mu kuboko kw’ūmuhahaza, uburake bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.