1 Isāzi zipfuye zituma amavuta yinjijwe n’abahinga babimogoreye anuka umuduhu: ni ko n’ubupfu naho bgoba buke bgonona ubgenge n’icubahiro.
Maze Yehu mwene Hanani kamenyi aja kumusanganira; abaza umwami Yehoshafati, at’ Aho war’ ukwiye gutabara abanyakibi, ugakunda abanka Uhoraho? Kubg’ ivyo wikwegeye uburake bg’Uhoraho.
Mbega Salomo umwami w’ Abisirayeli, we ntiyacumujwe n’ abagore nk’uko nyene? Kandi nta mwami yar’ ahwanye na we yaribgaboneke mu mahanga yose, yakundwa rwose n’Imana yiwe, iramwimika imugira umwami w’ Abisirayeli bose; ariko na we nyene yacumujwe n’abagore b’ abanyamahangakazi nk’ukundi uko.
Bāmuhēreye ngw antere ubgoba, mpeze nemere inama yiwe, mbe ncumuye, na bo ngo baronke urwitwazo rwo kwanda inkuru mbi no kunyambika ibara.
Kuko vyari kuremēra kurusha umusenyi wo ku kiyaga: Ni co catumye nihutira kuvuga.
Ivyo ubitunganye, bihinduke amavuta yera yo kurobanuza abahabga ibango, abe amavuta atāmirana, nk’ayinjijwe n’abahinga babimogoreye: az’ abe amavuta yera yo kurobanura.
Ubgenge buruta ibirwanishwa vy’intambara, arik’ umunyavyaha umwe adabanganya ivyiza vyinshi.
ut’ Umuntu yojana inyama z’ikimazi zejejwe mu mutwe w’impuzu yiwe, maz’ agakoza uwo mutwe w’impuzu ku mutsima canke mu mufa canke muri vino canke mu mavuta ya elayo canke ku co kurya cose, mbega vyoca biba ivyera? Abaherezi barishura, bati Na mba!
Maze Hagayi arababaza, at’ Umuntu yahumanijwe n’ukw akoze ku muvyimba, yokora kuri kimwe mur’ ivyo, coba gihumanye? Abaherezi barishura, bati Coba gihumanye.