Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 1:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 1:17
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Niyumviriye ingene noshobora kubimenya, Biba ibiruhije mu maso yanje.


N’ubusa gusa, ni k’Umusiguzi agize, vyose n’ubusa.


Nuko nca nanka ubugingo, kukw ibikorwa bikorerwa musi y’izuba vyammereye nabi: kuko vyose ar’ ubusa no guhahamira umuyaga.


Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wanje vino, umutima wanje ukindōngōresha ubgenge, n’ingene nokurikira ubupfu, kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.


Kukw iherezo ry’abana b’abantu ari ryo herezo ry’ibikōko; iherezo ni rimwe: nk’uko bapfa ni ko bipfa; mbere vyose bihumeka kumwe, kand’ umuntu nta co asumbije ibikōko: kuko vyose ar’ ubusa.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Urushi rumwe rwuzuye rufatanye n’impore ruruta amashi yuzuye afatanye n’ubutame no guhahamira umuyaga.


Kubonesha amaso biruta kwangaza umutima: ivyo na vyo nyene n’ubusa, no guhahamira umuyaga.


Mmaze gushira umutima wanje ku kumenya ubgenge no kwitegereza igikorwa gikorerwa kw isi — kuko har’ Uwo amaso yiwe atabona agatiro, ari ku murango canke mw ijoro —


Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ