Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Umusiguzi 1:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Umusiguzi 1:14
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’ubusa gusa, ni k’Umusiguzi agize, vyose n’ubusa.


Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.


Nuko nca nanka ubugingo, kukw ibikorwa bikorerwa musi y’izuba vyammereye nabi: kuko vyose ar’ ubusa no guhahamira umuyaga.


Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.


Kukw iherezo ry’abana b’abantu ari ryo herezo ry’ibikōko; iherezo ni rimwe: nk’uko bapfa ni ko bipfa; mbere vyose bihumeka kumwe, kand’ umuntu nta co asumbije ibikōko: kuko vyose ar’ ubusa.


Abo bantu bose yaganza, ubginshi bgabo ntibgagira uko bungana: yamar’ abazobaho hanyuma ntibazomunezererwa. N’ ukuri ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Urushi rumwe rwuzuye rufatanye n’impore ruruta amashi yuzuye afatanye n’ubutame no guhahamira umuyaga.


Kubonesha amaso biruta kwangaza umutima: ivyo na vyo nyene n’ubusa, no guhahamira umuyaga.


Mmaze gushira umutima wanje ku kumenya ubgenge no kwitegereza igikorwa gikorerwa kw isi — kuko har’ Uwo amaso yiwe atabona agatiro, ari ku murango canke mw ijoro —


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ