11 Ivy’ ibihe vyahise ntibicibukwa, kand’ ivy’ ibihe bizoza ntibizoba bicibukwa n’abazobikurikira.
Abansi barayogeye, hasigaye imisaka ibihe vyose, N’ibisagara vyabo warabikomvomvoye, Mbere no kwibukwa kwabo kwarazimanganye.
Mbega har’ ikintu abantu bavuga, bat’ Ehe rāba, iki ni gisha? Erega kiba carabayeho kera, mu bihe tutaribgabeho.
Ar’ umunyabgenge, ar’ igipfu, nta wuzohora yibukwa ibihe vyose; kuko mu misi izoza bose bazoba bamaze kwibagirana. Ereg’ umunyabgenge apfa nk’ukw igipfu gipfa na co!
Kand’ ikigeretseko nabonye abanyavyaha bahambga, bīgīriye; n’abakoze ibiroranye bīgīra bavuye ahantu hēra, bakibagirana mu gisagara: ivyo na vyo nyene n’ ubusa.
Ereg’ abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.
Rāba ivya mbere birashitse, kandi ndabamenyesha n’ibisha; bitaraseruka ndabibabgira.