Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Tito 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 ugire n’ijambo rizima ritogawa, kugira ng’ umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Amajambo yawe abe ay’ukuri, atagiramwo umugayo, kugira ngo abakugwanya baze bamaramare, babure ikibi batuvugako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Tito 2:8
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndongera ndavuga, nt’ Ivyo mukora si vyiza. Mbeg’ ibikwiye s’uko mugenda mwubaha Imana yacu, ntimwitukishe mu bansi bacu b’abanyamahanga?


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


Yesu arababarira, at’ Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana. Baramutangarira cane.


Haza umwe mu banyabgenge b’ivyanditswe yumva babazanya, amenye kw abishuye neza, aramubaza, at’ Ibgirizwa ry’imbere muri yose n’irihe?


Uno munyabgenge w’ivyanditswe aramubgira, ati Ni koko, Mwigisha, uvuze ivy’ ukuri yukw ar’ Imwe, nta yindi, atari yo yonyene:


Yesu abonye amwishuranye ubgenge, aramubgira, ati Nturi kure y’ubgami bg’Imana. Ntihāgira ūsubira kwubahuka kugira ico amubaza.


Akivuga ivyo, abamurwanya bose baramāramāra, ishengero ryose rinezererwa ivyiza vy’agahebuza yakora vyose.


Ni hagira umuntu atumvira ijambo ryacu ryo mur’ iki cete, mumwitegereze, ntimufatanye na we, kugira ngw amāramāre.


Ni co gituma ngomba kw abapfakazi bakiri bato bābīrwa, bakavyara abana, bakubaka ingo zabo, ntibahe umurwanizi urwitwazo rw’ibitutsi.


Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y’Umwami wacu Yesu Kristo, n’inyigisho zihūra n’ukwubaha Imana;


Kand’ abacu na bo ni bige kugumya gukora ibikorwa vyiza ngo babone kumara ubukene ababikwiye rwose, kugira ngw abacu ntibabe ibirumbirane.


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


Kukw ivy’ Imana igomba ar’ uk’ ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b’imburabgenge batagira ico bazi:


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ