Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Tito 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Tito 2:3
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

buzuye ukugabitanya kwose, no kugira nabi, no kwifuza, n’urwanko rw’ubusa: buzuye n’igono, n’ubgicanyi, no gutongana, n’ubugunge, no kwitamba ku muvyimba; n’abaneguranira mu vyongorerano,


ngo mumwākīre kubg’ Umwami wacu, nk’uko bibereye abera, kandi mumufashe ku c’azogomba cose, kuko na we yafashije benshi, barimwo jewe.


Arik’ ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera:


N’abagore nyene babe inyankamugayo, batarementaniriza abandi, batarenza urugero, bizigirwa muri vyose.


Kandi n’abakozi b’ishengero na bo nyene, bakwiye kuba inyankamugayo batavuga indimi zibiri, kandi ntibabe abatwawe na vino nyinshi, cank’ abifuza inyungu mbi.


Uhereye none ntunywe amazi gusa, arik’ unywe n’utuvino duke kubgo mu nda hawe, kuk’ urwaragurika.


Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi;


kugira ngo batoze abagore bakiri bato ubgenge bgo gukunda abagabo babo n’abana babo,


Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiye kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye.


Ariko mfise ico nkugayako, yuk’ ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita ūvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abagurano banje, kugira ngo bashakane barye ivyaterekerejwe ibigirwamana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ