Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Tito 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 arikw abe ūkunda gutanga indāro, akunda ivyiza, adahugumba, agororoka, yera, yirinda,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko akwiye kuba uwukunda kwakira abantu i muhira iwe, akunda kugira neza, aganza ingeso ziwe, agororoka, yejejwe kandi yirinda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Tito 1:8
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hiramu umwami w’i Tiro yumvise ko bimikishije Salomo amavuta ngw asubire ku ngoma ya se, amutumakw intumwa, kuk’ uhereye kera Hiramu yakundana na Dawidi.


Nuko Hiramu yumvise amajambo ya Salomo aranezerwa cane, aravuga, at’ Uyu musi Uhoraho ashemagizwe, kuko yahaye Dawidi umwana w’incabgenge wo kuganza iryo hanga rihambaye.


Abera bo mw isi Ni bo ntōre nnezererwa bonyene.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Kandi muri Yerusalemu hār’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


Mwebge mur’ ivyabona hamwe n’Imana vy’ingene twamerera mwebge abizera, tur’ abera, tugororoka, tutarik’ umugayo:


Nuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, kand’ akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe ūtarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indāro, afise ubgenge bgo kwigisha,


Ntihakagire ūkugayira ubusore, arik’ ubere abizera icitegererezo mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye.


Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza,


Ariko kwifuza kw’ubusore uguhunge, maz’ ukurikire ukugororoka n’ukwizera n’urukundo n’amahoro, ufatanya n’abambaza Umwami wacu n’imitima itanduye.


badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza,


nawe ubgawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo,


Twebge turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo, kuko dukunda bene Data. Ūdakundana yama mu rupfu.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


Nuko Dawidi amaze kugānīra na Sauli, umutima wa Yonatani uca ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ