9 Bowazi abarira abashingantahe n’ abantu bose, ati Mbatanzekw ivyabona uyu musi, yuko nguze ivyar’ ivya Elimeleki vyose, n’ivyar’ ivya Kiliyoni na Mahaloni, mbiguze na Nawomi.
ati Mushingantahe, oyaye, enda umviriza: iryo tongo ndariguhaye, bo n’isenga irimwo ndayiguhaye; mbiguhereye imbere y’ubgoko bgacu: hamba umuntu wawe.
Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe bompi umwe yitwa Mahaloni, uwundi yitwa Kiliyoni, bār’ Abanyefurata b’i Betelehemu h’i Buyuda. Bashika mu gihugu c’i Mowabu, babayo.
Kandi na Rusi Umunyamowabukazi, yari muka Mahaloni, ndamuguze ngw abe umugore wanje, ngo mponore umuhisi, ishamvu ntive kw izina ryiwe, izina ry’umuhisi ryoye kuzimangana muri bene wabo, no ku marembo y’igisagara cabo: mbatanzekw ivyabona uyu musi.
Nuko wa mucunguzi abarira Bowazi, ati N’uryīgurire. Maz’ akūra inkweto yiwe.