Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Rusi 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 nagomvye kubikumenyesha, no kukubgira kurigurira imbere y’aba bicaye hano, n’imbere y’ abashingantahe b’i wacu. Ni wagomba kuritora, uritore, n’utabigomba mbarira, mbimenye: kukw ata wundi yoritora atari wewe, canke jewe ngukurikiye. Aramwishura, ati Ndaritora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Rusi 4:4
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati Mushingantahe, oyaye, enda umviriza: iryo tongo ndariguhaye, bo n’isenga irimwo ndayiguhaye; mbiguhereye imbere y’ubgoko bgacu: hamba umuntu wawe.


kuba aho yīzīziye, imbere y’Abaheti no mu maso y’abaca mw irembo ry’igisagara cabo bose.


Yamara Mwami Uhoraho, wambariye ngo nigurire itongo amahera, ngo ni mpamagare ivyabona, kand’ iki gisagara gitanzwe mu maboko y’ Abakaludaya!


Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose.


Tubabaye gukora ivyiza, si mu nyonga z’Umwami wacu gusa, ariko no mu maso y’abantu.


Abo bashingantahe bo mur’ ico gisagara cabo baheze bamuhamagaze, bamuhanūre; n’atemera gukūrwa kw ijambo, akavuga ati Singomba kumucūra;


Ibisigaye bene Data, ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira.


Nawomi abgira umukazana wiwe, at’ Uhoraho atāsizeho kugirira neza abakiriho n’abāpfuye, arakamuhezagira! Nawomi arongera aramubgira, at’ Uwo mugabo n’uwo mu muryango wacu wo hafi, n’umwe wo mu bacunguzi bacu.


N’ukuri koko nd’ umucunguzi wanyu, ariko harih’ uwundi andusha kuba umucunguzi wo hafi.


Aramubaza, at’ Uri nde? Aramwishura, ati Nd’ incoreke yawe Rusi; worose umuja wawe umwambaro wawe, kuk’ ur’ umucunguzi wacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ