3 Abgira wa mucunguzi, ati Nawomi, umwe yagaruka avuye mu gihugu c’i Mowabu, agomba kugura itongo ryar’ irya mwene wacu Elimeleki:
Hahirwa ūgira neza, akagurāna abandi, Agakora ibikorwa vyiwe uburyo butunganye.
Ubgibone butera imitongano gusa, Arik’ ubgenge bubana n’ abemera inama nziza.
riti Hanameli mwene so wanyu Shalumu, agira aze kuri wewe, akubgire, ati Ni wigurire ishamvu yanje iri Anatoti: kukw ari wewe wo kuyicungura.
Uw’i wanyu ni yahinduka umugorwa, akagura kw itongo ryiwe, mwene wabo azoba ar’ uwo hafi az’ aze, acungure iryo tongo mwene wabo yaguze.
Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe bompi umwe yitwa Mahaloni, uwundi yitwa Kiliyoni, bār’ Abanyefurata b’i Betelehemu h’i Buyuda. Bashika mu gihugu c’i Mowabu, babayo.