Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Rusi 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Azana abantu cumi bo mu bashingantahe b’ico gisagara, arababgira, ati Ni mwicare hano. Baricara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Rusi 4:2
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko yandika ivyete mw izina rya Ahabu, abidomakw ikimenyetso ciwe, abirungikira abashingantahe n’abaganwa bābana na Naboti mur’ ico gisagara.


Ariko n’atātunganira shebuja, yari yaramurongoye, shebuja aze yemere acungurwe. Ariko kumugura n’abanyamahanga ntivyemerwa, kukw azoba yaramwononye.


Umugabo wiwe n’umumenyekana mw ikombe ry’ igisagara, Iyo yicaye hagati mu bakuru b’igihugu.


Abatāma bāhevye kwicara ku nama, N’imisore ntikiruha icuraranga.


Bosha abantu n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe baramugīra, baramufata, bamujana mw ikombe.


Arik’ uwo mugabo n’atākunda gucūra umugorabo, uwo mugorabo az’ aje kw irembo ry’igisagara, abarire abashingantahe, ati Muramwanje yanse guhonōra uwabo ngw izina ryiwe ntirizimangane mu Bisirayeli, ntakunze kungirira ibikwiye muramu w’umuntu.


Rāba uyu musi muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu mwese: abakuru b’imiryango, n’ abashingantahe banyu, n’abagabisha banyu, n’abagabo mwese bo mu Bisirayeli,


Ni munkoranirize abakuru bose b’imiryango yanyu, n’abashingantahe banyu, kugira ngo mvugire aya majambo mu matwi yabo, ntange ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ