Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Rusi 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Aramubaza, at’ Uri nde? Aramwishura, ati Nd’ incoreke yawe Rusi; worose umuja wawe umwambaro wawe, kuk’ ur’ umucunguzi wacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Rusi 3:9
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ndaguserukako, ndakwitegereza, mbona yuk’ ushitse mu gihe uteye igomwe; maze ngutērerak’ umwambaro wanje, nambika ubgambure bgawe; mbere narakurahiye, nsezerana nawe isezerano, ucika uwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Nawomi abgira umukazana wiwe, at’ Uhoraho atāsizeho kugirira neza abakiriho n’abāpfuye, arakamuhezagira! Nawomi arongera aramubgira, at’ Uwo mugabo n’uwo mu muryango wacu wo hafi, n’umwe wo mu bacunguzi bacu.


Aramwishura, at’ Uragahezagirwa n’Uhoraho, mukobga wanje; ineza werekanye none iruta iyo werekanye ubga mbere, kuk’ utārondeye imisore, ar’ aboro cank’ abatunzi.


N’ukuri koko nd’ umucunguzi wanyu, ariko harih’ uwundi andusha kuba umucunguzi wo hafi.


Maze mu gicugu uwo mugabo arīkanga, arihindukiza: asanga har’ umugore aryamye hepfo y’ibirenge vyiwe.


nagomvye kubikumenyesha, no kukubgira kurigurira imbere y’aba bicaye hano, n’imbere y’ abashingantahe b’i wacu. Ni wagomba kuritora, uritore, n’utabigomba mbarira, mbimenye: kukw ata wundi yoritora atari wewe, canke jewe ngukurikiye. Aramwishura, ati Ndaritora.


Wa mucunguzi aramwishura, at’ Ubganje sinshobora kuritora, ngw iyanje shamvu ndayidabanganye: subira mu gishingo canje co kuritora, kuko jeho ntashobora kuritora.


Ava hasi arūnama, yicisha bugufi, aravuga, at’ Ehe nd’ incoreke yawe, umuja wo kwoza ibirenge vy’abantu ba databuja.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ