3 Nuko wiyuhagire, wīsīge, wambare imyambaro yawe, umanuke uje ku mbuga: ariko ntumwiyereke atararangiza kurya no kunywa.
Maze Dawidi aca arahaguruka, ava aho yar’ arambaraye hasi, ariyuhagira arirtyorora, yambara iyindi myambaro, araheza aja mu ngoro y’ Uhoraho, arasenga; hanyuma ataha i we; maze yatse ivyo kurya barabimuzanira, arafūngura.
Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye.
Bukeye ku musi ugira gatatu, Esiteri yambara imyambaro yiwe y’ubgamikazi, aragenda ahagarara mu karusha ko ku ngoro y’umwami, aharābana n’iyo ngoro nyene; kand’ umwami yar’ avyagiye ku ntebe yiwe y’ubgami mu ngoro, atumberanye no mw irebe.
Na vino inezereza imitima y’abantu, N’amavuta yo kuyagayagisha mu maso habo, Kandi ng’ umutsima uhe imitima y’abantu amagara.
Imyambaro yawe ni yame yera, kand’ umutwe wawe ntuz’ ubure gusīgwa amavuta.
Ndaheza nkwuhagiza amazi, mbere nkwuhagira amaraso yawe rwose, ngusīga amavuta.
Ariko weho, ni wisonzesha, wīsīge amavuta mu mutwe, wiyuhagire mu maso,
None ntihariho Bowazi wo mu muryango wacu, umwe wabana n’abigeme biwe? Umve iri joro aragosōreza sayiri kuri ya mbuga.
Nuko rero, ni yaryama, witegereze aho aja kuryama, nawe ujeyo, worosore ibirenge vyiwe, uryame; na we arakubgira ico uja gukora.