9 Shira amaso ku murima bagenya, ubakurikire: mbeg’ abahungu simbihanikirije ko batazogukoma? Kand’ iy’ ugize inyota wame ugenda ku mibindi unywe ku yo abahungu bavomye.
Imana imwishurira mu nzozi, iti Koko, nzi yuko wakoze ivyo ufise umutima utakurega ikibi, kandi nanje nakubujije kuncumurako: ni co catumye ntagukundiye kumukorako.
Mungirire akagongwe, mungirire akagongwe, yemwe bakunzi banje, Kuk’ ukuboko kw’ Uhoraho kwankozeko.
Ati Ntimukore ku bo narobanuje amavuta, Ntimugire ico mugira abavugishwa nanje.
Ni ko bimerera uwinjirana umugore wa mugenzi we; Ūmukorako wese ntazobura guhanwa.
Kand’ ūzoha umwe mur’ abo bato urwato rw’amazi apfutse gusa kukw ar’ umwigishwa, ndababgira ukuri yukw atazobura impēra yiwe.
Ariko ku vyo mwanyandikiye, iciza n’ukw izinamuhungu atohūye n’icitwa umukobga.
Turazi yuk’ umuntu wese avyawe n’Imana adakora ivyaha, arik’ umwe yavyarwa n’Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako.
Yicisha bugufi, arūnama ashika hasi, aramubaza, ati N’iki gitumye ungirira ubuntu, ukambabara, kandi nd’ umunyamahanga?
Maze Bowazi abgira Rusi, at’ Urumva, mukobga wanje? Ntuz’ ugire uwundi murima uzohūmbamwo, kandi ntuve hano, arik’ ugume hano hafi y’abigeme b’i wanje.