Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Rusi 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bowazi araza, avuye i Betelehemu, abgira abagenyi, at’ Uhoraho abane namwe. Na bo baramwishura, bat’ Uhoraho aguhe umugisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Rusi 2:4
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.


Kand’ Imana Ishobora vyose iguhe umugisha, iguhe kurondoka, ikugwize, kugira ng’uhindukemw’ isinzi ry’amahanga.


na Saluma se wa Betelehemu, na Harefu se wa Beti‐gaderi.


Hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho: Tubahezagiriye mu ngoro y’ Uhoraho.


Uhoraho aguhe umugisha uva i Siyoni; Ni we yaremye ijuru n’isi.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Bazosubira ukundi gusha kuvugira aya majambo mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara vyaho, ni nasubira kubagarukana mbakūye mu kinyago, bat’ Uhoraho n’aguhezagire, wewe i wabo w’ubugororotsi, wewe musozi wera.


Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.


Kand’ Umwami Nyen’ amahoro ubgiwe, yame abaha amahoro ibihe vyose uburyo bgose. Umwami abane namwe mwese.


Kand’ abafise ba shebuja bizera, boye kubagayishwa n’ukw ari bene Data, ariko barushirize kubakorera, kukw abagirirwa ico kimazi ar’ abizera n’abakundwa. Uze wigishe ivyo, ubibahanūre.


Umwami abane n’umutima wawe. Ubuntu bg’Imana bubane namwe.


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Nuk’ uwo mumarayika w’Uhoraho aramwiyereka, aramubarira, at’ Uhoraho ari kumwe nawe, ewe wa muhizi w’ inkomezi!


Uhoraho aramubarira, at’ Erega jewe nzoba ndi kumwe nawe, kand’ uzoririka Abamidiyani nk’ uwishe umuntu umwe.


Aragenda, ahūmba mu kibuba akurikiye abagenyi: kand’ umurima yarengutseko war’ uwo mw itongo rya Bowazi, wo mu muryango wa Elimeleki.


Maze Bowazi abaza umuntu wiwe agenyesha, at’ Uyu mukobga n’uwa nde?


Nukw abantu bose bāri kw irembo n’abashingantahe baramwishura, bati Tur’ ivyabona vy’ ivyo. Uwo mugore aje mu nzu yawe, Uhoraho amuhwanye na Rakeli na Leya, ari bo bompi bāshinze inzu ya Isirayeli: nawe uragasagamba muri Efurata, ube rurangiranwa i Betelehemu:


Dawidi atakw aravuga, at’ Uhoraho yagiye andokora mu nzāra z’intambge no mu z’idubu, arandokora no mu maboko y’uwo Mufilisitiya. Nuko Sauli abarira Dawidi, ati Nuko genda; Uhoraho abane nawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ