3 Aragenda, ahūmba mu kibuba akurikiye abagenyi: kand’ umurima yarengutseko war’ uwo mw itongo rya Bowazi, wo mu muryango wa Elimeleki.
Nya muhungu amubikiye aramwishura, ati Nariko ndihitira, nshitse ku musozi Gilibowa, ngize ntya mbona Sauli yishimikije icumu, kandi mbona asugerejwe n’imikogote n’abagendera ku mafarasi.
Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!
Nukw akirikw arīgānira umwami ingene yazuye uwapfuye, ako kanya nya mugore yazuriye umwana arashika; atakambira umwami yitwarira urugo rwiwe n’itongo ryiwe. Gehazi aca aravuga, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, nguyu wa mugore navuga, nguyu na wa mwana wiwe Elisa yazura.
Mbeg’ utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi.
Hāriho n’umuherezi amanuka mur’ iyo nzira, amurengukako, amubonye aca i ruhande.
Arikw abameze bartyo turabagera tubahanūra kubg’ Umwami Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bīronkeye ubgabo.
Rusi wa Munyamowabukazi abarira Nawomi, ati Ndekura ngende mu bibuba mpūmbe uduhūmbga, nkurikire uwongirira ubuntu. Aramwishura, ati Genda, mukobga wanje.
Bowazi araza, avuye i Betelehemu, abgira abagenyi, at’ Uhoraho abane namwe. Na bo baramwishura, bat’ Uhoraho aguhe umugisha.