2 Rusi wa Munyamowabukazi abarira Nawomi, ati Ndekura ngende mu bibuba mpūmbe uduhūmbga, nkurikire uwongirira ubuntu. Aramwishura, ati Genda, mukobga wanje.
Izo ntumwa zigaruka kuri Yakobo, ziti Twarashitse kwa mukurwawe Esau, non’ araje kugusanganira, kand’ azananye n’ingabo amajana ane.
Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Ntihaze hagire ūgendagendeshwa no guteranya abantu, kandi ntihaze hagire uwitangakw icabona c’ ibinyoma co kwicisha mugenzi we: ni jewe Uhoraho.
Kandi ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose kwimbura ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga twose iyo muriko murashwābūra.
Kandi ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose gushwābūra ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga tw’ivyo mwimbuye: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: nd’ Uhoraho Imana yanyu.
Aragenda, ahūmba mu kibuba akurikiye abagenyi: kand’ umurima yarengutseko war’ uwo mw itongo rya Bowazi, wo mu muryango wa Elimeleki.
kandi yansavye, ati Ndakwinginze nyemerera guhūmba nkurikire abagenyi hagati y’ imikama: nukw araza, kandi yahereye mu gatondo gushitsa n’ubu, atar’ akanya gatoya yaruhutse.
Na we aramwishura, ati N’ umpangaze, jewe incoreke yawe. Maz’ uwo mugore arīgīra; araheza ararya, ntiyasubira kwiraburanirwa ukundi.