Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Obadiya 1:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kand’ abo mur’ izo ngabo z’Abisirayeli bāgiye mu Banyakanani ar’ inyagano, bazokwegukira igihugu gushitsa i Zarefati: n’ ab’ i Yerusalemu bājanywe ar’ inyagano, bar’ i Sefaradi, bazokwegukira ibisagara vy’i bumanuko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Obadiya 1:20
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibisagara vy’i bumanuko birugarijwe, nta wugicārūka: Abayuda bajanywe kw inyagano bose, ntihasigara n’uwa kirazira.


Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.


Abantu bazokwigurira amatongo amahera, bandike ivyete vy’uko baguze, babimatanishe ishashara bayidomemw’ ikimenyetso, bahamagare ivyabona; bizoba birtyo mu gihugu ca Benyamini, n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, no mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu gihugu giciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko: kuko nzotuma bahindukira bave mu kinyago, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Imikuku izosubira gutaha itonze imirongo mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu bihugu biciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko, no mu gihugu ca Benyamini n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, bayiharūre, ni jewe Uhoraho mbivuze.


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Mbere nzotuma abantu bagendagenda kuri mwebge, ni bo bantu banje b’Abisirayeli; namwe muzoba ishamvu yabo, mubabere umwandu, kandi nta ho muzosubira kubīcira abana ukundi.


yamara Eliya ntiyatumwa kuri n’umwe muri bo, arikw atumwa i Zarefati mu gihugu c’i Sidoni ku mugore w’umupfakazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ