Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Obadiya 1:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kand’ ab’ i bumanuko bazokwegukira umusozi wa Esau; n’ababa mu kiyaya begukire i Bufilisitiya; bazokwegukira igihugu ca Efurayimu, n’igihugu c’i Samariya: kand’ i Gileyadi hazoba aha Benyamini.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Obadiya 1:19
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami w’i Ashuri yimura abantu i Babuloni n’i Kuta n’i Ava n’i Hamati n’i Sefaravayimu, abinjiza mu bisagara vy’i Samariya, mu gishingo c’Abisirayeli; nuko baraza bashikīra i Samariya, baba mu bisagara vyaho.


Hanyuma iyo Mana, ari yo nyene y’Abisirayeli, ibavyukiriza Puli, umwami w’i Ashuri, hanyuma ibavyukiriza Tigulati‐pileseri, umwami w’i Ashuri nyene, abambukana ar’ inyagano, abo Bareyubeni n’Abagadi n’ab’ igihimba c’umuryango wa Manase abajana i Halaha n’i Habori n’i Hara no ku ruzi Gozani, babayo na bugingo n’ubu.


Maz’ umwami arungikira inyishu uwo mujanama Rehumu na Shimushayi umukarani na bagenzi babo baba i Samariya no mu bindi bihugu vyo hakurya y’ uruzi, ati N’amahoro. None rero


baca bēgēra Zerubabeli n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza, barababgira, bat’ Enda dufatanye namwe kwubaka, kuko dusenga Imana yanyu nk’uko namwe muyisenga; kandi twamye tuyishikanira ibimazi uhereye ku ngoma ya Esarihadoni, umwami w’i Ashuri yatudūganye akatuzana ino.


Kukw Imana izokiza Siyoni, ikubaka ibisagara vya Yuda; Bazohaba, hababere ishamvu.


Abantu bazokwigurira amatongo amahera, bandike ivyete vy’uko baguze, babimatanishe ishashara bayidomemw’ ikimenyetso, bahamagare ivyabona; bizoba birtyo mu gihugu ca Benyamini, n’ahantu hahereranye n’i Yerusalemu, no mu bisagara vy’i Buyuda, no mu bisagara vyo mu mugamba waho, no mu bisagara vyo mu gihugu giciye bugufi, no mu bisagara vy’i bumanuko: kuko nzotuma bahindukira bave mu kinyago, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ku vy’Abamoni. Uku ni k’ Uhoraho agize, ati Mbega Isirayeli nta bahungu afise? Nta samuragwa agira? None n’iki gituma ikigirwamana Malukamu ari co cegukiye Gadi, n’abantu baco baba mu bisagara vyaho?


nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Bafilisitiya, ndandure n’Abakereti, ngeseze n’amasigarira yo mu kiyaya c’ikiyaga.


Kandi muzokwibera mu gihugu nahaye ba sogokuruza, mube abantu banje, nanje mbe Imana yanyu.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


kandi nzohenebereza ababa muri Ashidodi, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe muri Ashikeloni; kandi nzotuma ukuboko kwanje ntere Ekuroni, maz’ amasigarira y’Abafilisitiya azohona, ni k’Umwami Uhoraho agize.


kugira ngo begukire amasigarira y’Abanyedomu, n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje, ni k’Uhoraho agize, kand’ akora ivyo.


Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.


Mu ba Yosefu, baharūra amavuka ya ba Efurayimu, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, amazina yabo bose, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abashobora kurwana mu ntambara bose:


Igihugu cabo cāhēra i Yazeri, n’ibisagara vyose vy’i Gileyadi, n’igihimba c’igihugu c’Abamoni gushitsa kuri Aroweri aharābana n’i Raba,


n’igihimba c’i Gileyadi, n’ahitwa Ashitaroti n’ahitwa Edireyi, yar’ imirwa ya Ogi umwami w’i Bashani; ivyo ni vyo vyatwaye aba Makiri mwene Manase; ni co ca gihimba c’Abamakiri, nk’ ukw amazu yabo ari.


ibisagara vy’umuryango w’Abayuda birābana n’urubibe rw’ Abanyedomu i bumanuko vyari Kabuseri na Ederi na Yagura,


Ibisagara vyo mu kiyaya vyar’ ibi: Eshitayoli na Sora na Ashina,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ