nīgije hafi ukugororoka kwanje, ntikuzoba kure; n’agakiza kanje ntikazotebagana; kandi nzoshira ako gakiza i Siyoni kubga Isirayeli, ni we cubahiro canje.
Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Bazosubira ukundi gusha kuvugira aya majambo mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara vyaho, ni nasubira kubagarukana mbakūye mu kinyago, bat’ Uhoraho n’aguhezagire, wewe i wabo w’ubugororotsi, wewe musozi wera.
Mbere nzotuma abantu bagendagenda kuri mwebge, ni bo bantu banje b’Abisirayeli; namwe muzoba ishamvu yabo, mubabere umwandu, kandi nta ho muzosubira kubīcira abana ukundi.
Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.
Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.