Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Obadiya 1:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi, uziye amahanga yose: uko wagize ni k’uzogirirwa; ivyo wakoze bizogusubira ku mutwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Obadiya 1:15
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ko mwanyaze amahanga menshi, namwe amasigarira yose y’amoko azobanyaga, abahōye amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.


Koko uwo musi uri hafi, mber’ umusi w’Uhoraho uri hafi, n’umusi wo gufurangana; igihe c’abanyamahanga kizoba kigeze.


Kandi nzokwīhōra amahanga atumvira, nsuguriwe, ndatse.


Ni muhamagare abarashi bakoranire kurwanya Babuloni, abazi gufora imiheto bose; musagaze hirya no hino yaho; ntihagire uwaho acika: muhīhōre ibikwiranye n’ibikorwa vyaho, muhasubirize mu nkōko ibikwiranye n’ivyo hākoze; kuko hinantaje k’Uhoraho, k’Uwera w’ Abisirayeli.


Ewe wa mukobga Babuloni, wa muranduzi we, Hazohirwa ūzogusubiriza mu nkōko Ibihwanye n’ivyo watugiriye!


Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Nk’uko witamvye hejuru y’ishamvu y’inzu ya Isirayeli kukw icitse amatongo, uko ni ko nzokugirira: nawe uzoba amatongo, ewe wa musozi Seyiri, na Edomu hose iyo hava hakagera. Maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Abāri batabereye kunywa kur’ ico gikombe ko batazobura kukinywa, none weho uzogenda udahanwe na gatoya? Eka ntuzogenda udahanwe, arik’ uzonywa nta kabuza.


Adoni‐bezeki aravuga, at’Abami mirongwirindwi naciye ibikumu n’amano manini bāhora batoragura utwo barya musi y’ameza yanje: uko nabagiriye ni kw Imana inshubirije mu nkōko. Nuko bamujana i Yerusalemu, agwayo.


N’iki gituma Īshobora vyose idashinga ibihe vy’imanza? N’iki gituma abayizi batabona iyo misi?


mber’ abanyazi barahashitse, bashitse i Babuloni nyene, abahizi baho barafashwe, imiheto yabo iravunaguritse. Kuk’ Uhoraho ar’ Imana yīhōra, ntazobura kwīhōra.


nuko rero ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzogenza nk’uk’ uburake bgawe buri, bo n’ishari werekanye mu kubanka; kandi nzokwimenyekanisha muri bo, igihe nzogucirakw iteka.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi;


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Muzobona ibara, yemwe abifuza umusi w’Uhoraho! Mbeg’ uwo musi w’Uhoraho muwugombera iki? Erega n’umwiza s’umuco!


Mbeg’ umusi w’Uhoraho ntuzoba umwiza? Mugira ng’uzoba umuco? Mber’ uzoba umwiza w’umuzitanya, utagira n’agaseso.


ariko bishitse ku mwami, umwami arungika ivyete bivuga yukw iyo migabo mibi Hamani yari yagabiye ku Bayuda imugaruka ku mutwe, kandi yuk’ ubgiwe n’abahungu biwe bamanikwa ku biti.


Umunyavyaha, ukugabitanya kwiwe bgite ni kwo kuzomufata, Azodunuzwa n’ingoyi z’icaha ciwe.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vy’ababanyi banje bose babi, bīhaye ku manyama ishamvu neguriye abantu banje b’Abisirayeli, nt’ Ehe nzobashika mbakūre mu gihugu cabo, kand’ inzu ya Yuda nzoyibashikura.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ