14 Ntiwar’ ukwiye guhagarara mu mayirabiri ng’ utikize ababo bacitse, kandi ntiwari gutanga amasigarira yabo ku musi w’amazigirizwa yabo.
tuve hasi, tudūge, tuje i Beteli, nanje nubakirey’ Imana igicaniro, imwe yanyumvira ku musi w’ivyago vyanje, kandi yagendanye nanje mu nzira nagenzemwo zose.
Kandi ntiwantanze mu maboko y’umwansi; Washize ibirenge vyanje ahantu hāgutse.
Tugīre inama, uduhanure, ku murango w’amaminangohe utubere igitūtu kimeze nk’ijoro: uhishe abirukanywe, kandi n’inyererezi ntuz’ uzigonyorere.
Abirukanywe banje ubemere babe i wawe: kand’ ab’ i Mowabu ubabere ubuhungiro ku babanyaga. Umunyagahahazo ni yahindurwa ubusa, ukunyaga kugashira, kand’ abasiribanga abantu bagaherengetera mu gihugu,
Baramubgira, bati Hezekiya aradutumye, ng’ Uyu musi n’umusi w’umubabaro n’ibihano n’ugushinyagurirwa, ngo Kukw abana bagomba kuvuka, kandi nta nkomezi zo kubavyara.
Ew’ amagorwa ari hano! Kuk’ uwo musi uhambaye, nta wuhwanye na wo: n’igihe c’umubabaro wa ba Yakobo; yamara bazogikizwa.
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.
Yamara ntiwar’ ukwiye kurāba utw’ ininga umusi wa mwene nyoko ugeze, ku musi yashikiweko n’ivyago; umusi Abayuda bagesezwa, ntivyari bikwiye kukunezereza; ntiwari gutwengera mw ijigo ku musi w’amazigirizwa yabo.
Nuko ni mugende mu mayirabiri, abo muribuboneyo bose mubahamagare, baze babutahe.