Genda, uz’ ukoranye abashingantahe b’Abisirayeli, ubabgire, ut’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yaranyiyeretse, ari yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, irambarira, iti N’ukuri nabagendeye, mbona ivyo babagirira muri Egiputa:
ni kur’ uwo musi nyene namanitse ukuboko mbarahira ko nzobakūra mu gihugu ca Egiputa nkabajana mu gihugu nabatoreye, igihugu gitemba amata n’ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose.