7 Uhoraho Mana, ni wewe watoye Aburamu, umukūra muri Uri h’i Bukaludaya, umwita izina Aburahamu;
Tera ajana Aburamu umwana wiwe, na Loti mwene Harani umwuzukuru wiwe, na Sarayi umukazana wiwe, muka Aburamu umwana wiwe; bava muri Uri i Bukaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani; bashika i Harani, bagerēraho.
Aramubarira, ati Ni jewe Uhoraho nagukūye muri Uri i Bukaludaya kugira ngo nze nguhe iki gihugu ucegukire.
Kandi ntucitwa Aburamu ukundi, arik’ uzokwitwa Aburahamu; kuko nkugize sekuruza w’amahanga menshi.
Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.
na Aburamu, ari we Aburahamu.
Mwitegereze Aburahamu sogokuruza, na Sara yabavyaye; kuko hamwe Aburahamu yar’ akir’ umwe rudende namuhamagaye, nkamuha umugisha, nkamugwiza.
Ariko rero, Uhoraho yarangirije umutima kuri ba sogokuruza, arabakunda, atoranya n’uruvyaro rwabo ruzoza hanyuma, ni rwo mwebge, abasumbisha ayandi mahanga yose, nk’uko biri na bugingo n’ubu.