Nehemiya 9:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)6 Ezira araheza aravuga, ati Ni wewe Uhoraho wenyene nta wundi, ni wewe waremye ijuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, n’ ingabo zose zo kuri yo; waremye n’isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose, kandi ni wewe ubibeshaho vyose; ingabo zo kw ijuru ziraguhimbaza. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nukw abo Balewi, Yosuwa na Kadimiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya baca baravuga, bati Ni muve hasi muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko vyamye uhereye kera hose ugashitsa ibihe bitazoshira. Baraheza bahimbaza izina ryiwe ry’icubahiro, ari ryo rishizwe hejuru gusumba ah’ ugushima kwose n’uguhimbaza kwose bigarukira.