Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ezira araheza aravuga, ati Ni wewe Uhoraho wenyene nta wundi, ni wewe waremye ijuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, n’ ingabo zose zo kuri yo; waremye n’isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose, kandi ni wewe ubibeshaho vyose; ingabo zo kw ijuru ziraguhimbaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:6
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.


Imana iravuga, it’ Amazi yo musi y’ijuru n’akoranire hamwe, i musozi na ho ni haboneke: biba kuno.


Ijuru n’isi binonosorwa kuremwa, bo n’ibirimwo vyose vy’ isinzi.


Yakobo ababonye, aravuga, at’ Aha ni ho ingabo z’Imana zishagaje: yita aho hantu Mahanayimu.


Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kuba mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Nuko Hezekiya asengera imbere y’Uhoraho, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’ Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.


Nuko none, Uhoraho Mana yacu, ndakwinginze udukize, udukūre mu maboko yiwe, kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Mana wenyene, ewe Uhoraho.


Nukw abo Balewi, Yosuwa na Kadimiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya baca baravuga, bati Ni muve hasi muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko vyamye uhereye kera hose ugashitsa ibihe bitazoshira. Baraheza bahimbaza izina ryiwe ry’icubahiro, ari ryo rishizwe hejuru gusumba ah’ ugushima kwose n’uguhimbaza kwose bigarukira.


Mbere na mbere washizeh’ itanguriro ry’isi, Kand’ amajuru n’igikorwa c’ intoke zawe.


Muhimbaze Uhoraho, mwebge ngabo ziwe zose, Yemwe basavyi biwe bakora ibimuhimbara.


Muhawe umugisha n’Uhoraho, Yaremye ijuru n’isi.


Ugutabarwa kwacu kubonerwa mw izina ry’Uhoraho Yaremye ijuru n’isi.


Ni we yaremye ijuru n’isi, N’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose; Agumya ukuri gushitsa ibihe bidashira.


Uwo Mwami w’ubgiza ni nde? Uhoraho Nyen’ ingabo Ni we Mwami w’ubgiza. Sela.


Ijambo ry’Uhoraho ni ryo ryāremye ijuru, Impwemu zo mu kanwa kiwe ni zo zāremye ingabo zose zo kuri ryo.


Ukugororoka kwawe guhwanye n’imisozi miremire y’ Imana, Amateka yawe ameze nk’ amazi maremare yo mw idamba. Uhoraho, ni wewe uzigama abantu n’amatungo.


Kuk’ uhambaye, kand’ ukora ibitangaza: Ni wewe Mana wenyene.


at’ Uhoraho Nyen’ ingabo, Mana y’Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.


Nuko none, Uhoraho Mana yacu, udukize, udukūre mu maboko yiwe, kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Uhoraho wenyene.


Ni mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, n’abasavyi banje natoranije, kugira ngo mummenye kandi munyizere, kandi mutahure ko nd’ uwo ndi we: nta mana yigeze kubumbga hirya yanje, kandi nta yizonza mu nyuma.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.


Mwoye gutinya canke guhagarika imitima: kera sinabibabariye nkabiserura? Namwe mur’ ivyabona vyo kunshingira intahe. Har’ iyindi Mana atari jewe? Mbere nta kindi gitandara kiriho: jewe nta co nzi.


Ni jewe naremye isi, kandi ndayiremerakw abantu; ni jewe nibambiye amajuru n’amaboko yanje, kand’ ingabo z’inyenyeri zose zo kuri yo ndazigaba.


nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremesha ubushobozi bgawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye: nta kintu na kimwe kikunanira.


Maze mbaha amabgirizwa yanje, mbamenyesha n’ ivyagezwe vyanje, ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye.


Arabishura, ati Nd’ Umuheburayo, nubaha Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, yaremye ikiyaga n’i musozi.


Na bo bavyumvise bavuga n’ijwi rirenga, babgira Imana n’umutima uhūye, bati Databuja, ni wewe waremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


Ereg’ Uhoraho Imana yanyu ni we Nyen’ ijuru, mbere ni Nyen’ ijuru risumba ayandi, bo n’isi n’ibirimwo vyose.


Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.


Ni mwumve, yemwe Bisirayeli: Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene;


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Kand’ ah’ izokwongera kuzana imfura yayo mw isi, it’ Abamarayika b’Imana bose bamusenge.


Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ