Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nukw abo Balewi, Yosuwa na Kadimiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya baca baravuga, bati Ni muve hasi muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko vyamye uhereye kera hose ugashitsa ibihe bitazoshira. Baraheza bahimbaza izina ryiwe ry’icubahiro, ari ryo rishizwe hejuru gusumba ah’ ugushima kwose n’uguhimbaza kwose bigarukira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:5
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami arahindukira, ahezagira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli; kand’ iryo koraniro ryose ryari rihagaze.


Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,


Salomo araheza ahagarara imbere y’igicaniro c’Uhoraho, ishengero ryose ry’Abisirayeli rirorēra, agaranzura amaboko ayatumbereje mw ijuru,


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kuba mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, n’ashemagizwe Nk’uko vyamye uhereye kera hose, ugashitsa ibihe bidashira. Nukw abantu bose baritabiriza, bati Amen; batazira Uhoraho.


Uhoraho, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’ inganji n’igitinyiro n’ivyawe; kukw ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi vyose ar’ ivyawe; ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ube ūsumba vyose.


None rero, Mana yacu, turagukengurukiye, duhimbaje izina ryawe ry’icubahiro.


Dawidi araheza abarira iryo koraniro ryose, at’ Enda ni muhimbaze Uhoraho Imana yanyu. Nukw ikoraniro ryose bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bunamika amaso, bakubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho n’imbere y’umwami.


Nukw Abayuda bose bahagarara ngaho imbere y’Uhoraho, bari kumwe n’utwana twabo duto‐duto, n’abagore babo, n’abana babo bakuze.


Maz’ Abalewi bo mu ba Kohati n’abo mu ba Kora bava hasi ngo batāzīre Uhoraho Imana y’ Abisirayeli, bavuga n’ijwi rirenga cane.


Bakaririmba bahāniranwa, bahimbaza Uhoraho bamushima, bat’ Erega ni mwiza, kukw imbabazi agirira Abisirayeli zamah’ ibihe bidashira. Maz’ abantu bose bashira amajwi hejuru, barasemerera batazira Uhoraho, kukw itanguriro ry’ingoro y’Uhoraho rimaze gushirwaho.


Maze Yosuwa na Bani na Kadimiyeli na Shebaniya na Buni na Sherebiya na Bani wundi na Kenani bahagarara ahataramutse hubakiwe Abalewi, bashira ijwi hejuru batakambira Uhoraho Imana yabo.


Ezira araheza aravuga, ati Ni wewe Uhoraho wenyene nta wundi, ni wewe waremye ijuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, n’ ingabo zose zo kuri yo; waremye n’isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose, kandi ni wewe ubibeshaho vyose; ingabo zo kw ijuru ziraguhimbaza.


ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.


Ni nde yoshobora kudondora ibikorwa bikomeye Uhoraho yakoze, Canke kwerekana ishimwe ryiwe ryose?


Ni mushemagize Uhoraho, yemwe basavyi b’ Uhoraho mwese, Bakesha ijoro bahagaze mu ngoro y’Uhoraho.


Nzokwama ngushemagiza uko bukeye, Nzoshima izina ryawe ibihe bitazoshira.


Nzovuga ubgiza bg’igitinyiro c’icubahiro cawe, Nzoririmba ibikorwa bitangaje wakoze.


Nzokwama nshima Uhoraho nkiriho, Nzokwama ndirimbira Imana yanje ishimwe ngihumeka.


Nabariye Uhoraho, nti Ni wewe Mwami wanje, Nta mugisha mfise atari wewe.


Muririmbe mwerekana icubahiro c’izina ryayo, Muhimbaze ishimwe ryayo.


Ni batazire izina ryiwe rihambaye riteye ubgoba: Ni we yera.


Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?


Ukuboko kwawe kw’i buryo, ewe Uhoraho w’icubahiro kivuye mu bubasha, m Ukuboko kwawe kw’i buryo, ewe Uhoraho, kujanjaguye abamenja.


Daniyeli aravuga, at’ Izina ry’Imana riragahimbazwa ibihe bitazoshira, kuk’ ubgenge n’ubushobozi ar’ ivyayo:


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


Ni mutitondera amajambo yose yo mur’ ibi vyagezwe vyanditswe mur’ iki gitabo, ngo mubishitse; muteko mutinye iri zina ry’icubahiro riteye ubgoba, ni ry’iri: UHORAHO IMANA YANYU;


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Uwo mumarayika w’Uhoraho aramwishura, at’ Umbariza iki izina ryanje, kw ar’ izina ritangaje?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ