Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Abami bacu n’abakuru bacu n’abaherezi bacu na ba sogokuruza bacu ntibitondeye ivyagezwe vyawe, ntibumviye amabgirizwa yawe n’imbūri wababūriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:34
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamar’ Uhoraho yama abūrira Abisirayeli n’Abayuda, abicishije mu bo yavugisha bose no muri ba kamenyi bose, ati Ni muhindukire, mureke ingeso zanyu mbi, mwitondere amabgirizwa yanje n’amateka yanje, nk’ ukw ivyagezwe vyose biri, ivyo nageze ba sogokuruza banyu, nkagenda ndabibabarira, ndabicishije mu basavyi banje navugisha.


Bakēngēra amateka yiwe, n’isezerano yasezeranye na ba sekuruza, n’imbūri yababūriye, bagakurikira ibitagira ikimazi, baca bahinduka ba nta kimazi, bīgāna amahanga abakikije, abo Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibabīgāne.


Kuko ba sogokuruza bacu bācumuye, bagakora ivyo Uhoraho Imana yacu abona kw ari bibi, bakamuta, bakarora irya, bagakūra amaso ahantu Uhoraho aba, bakahatera ibitugu.


None ga Mana yacu, ivyo ko vyabaye birtyo, twovuga iki kandi? Ko twaretse ivyagezwe vyawe,


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Ariko mur’ ivyo vyose vyatubayeko, weho wama uboneka ugororotse, wama ukora ibiroranye, yamara twebge twakoze ibibi.


Ariko mu kuganza kwabo, no mu vyiza vyinshi wabahaye, no mu gihugu kininiya kimera cane wabagabiye, ntibāgukoreye ngo bahindukire bareke ibikorwa vyabo bibi.


kuko batumviye amajambo yanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ayo natumye abasavyi banje mvugisha, nama nzindurwa no kubatuma, ariko ntibaruha bumva, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tumusukire n’ibiturire, nk’uko twahora dukora, twe na ba sogokuruza n’abami bacu n’abaganwa bacu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu: kukw ico gihe twagira indya nyinshi, tukibera amahoro, nta vyago twabona.


Yamara nabatumyekw abasavyi banje bose, ni bo bavugishwa nanje, nama nzindurwa no kubatuma, nti Ntimugakore ico kizira c’ubuyobe nanka urunuka.


Ariko hāgararije amabgirizwa yanje, hakora ibibi kurusha abanyamahanga; hāgararije ivyagezwe vyanje kurusha ibihugu bihakikije; bāshibuye amabgirizwa yanje, n’ ivyagezwe vyanje ntibābigenderamwo.


Ntitwumviye abasavyi bawe, ari bo bavugishwa nawe, bāvuga mw izina ryawe babarira abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu n’abantu bose bo mu gihugu.


Kand’ ivyo vyago vyinshi n’imibabaro ni vyamara kubazako, iyi ndirimbo izobāgiriza nk’icabona, kukw itazokwibagirana ngw ive mu kanwa k’uruvyaro rwabo. N’ubu nzi ivyo bīgereye mu vyiyumviro vyabo, ntarabashikana mu gihugu narahiye ko nzobaha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ