Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 None, Mana yacu, Mana nkuru, uhambaye uteye ubgoba, ni wewe ugumya isezerano n’ikigongwe, turakwinginze amagorwa yose twabonye ntuyite ikintu coroshe, ayatubayeko twe n’abami bacu, n’abakuru bacu, n’abaherezi bacu, n’abavugishwa bacu, na ba sogokuruza bacu, eka n’abantu bawe bose, uhereye igihe c’abami b’i Ashuri ugashitsa na bugingo n’ubu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:32
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

aravuga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, nta mana ihwanye nawe, uhereye hejuru mw ijuru no hasi kw isi; ni wewe wama ushitsa amasezerano, ukagirira imbabazi abasavyi bawe bagendera imbere yawe bitonze n’imitima yabo yose;


Bukeye Puli umwami w’i Ashuri atera igihugu; maze Menahemu amuhongera italanto z’ifeza igihumbi, kugira ngo buzure, amuhagarikire, ahangame ku ngoma yiwe.


Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.


gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.


Bukeye Shalumaneseri umwami w’i Ashuri aradūga, aramutera; Hoseya yemera kuganzwa na we, akāma amuzanira amarari.


Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, ni ho umwami w’i Ashuri yatsinze i Samariya; araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’ Abamedi.


Ku ngoma yiwe Farawo‐neko umwami wa Egiputa aradūga aja gutera umwami w’i Ashuri ku ruzi Efurate; maz’ umwami Yosiya aja kumutega ngw amurwanye; ariko bakirumanira i Megido, Farawo‐neko amutsindaho.


Abahungu biwe babamwicira imbere, na we bamunogora amaso, bamwambika umunyororo, bamujana i Babuloni.


n’ ayandi mahanga yose Osinapari umunyacubahiro ahambaye yajabukanye hakuno akabagerēra mu gisagara c’i Samariya, no mu kindi gihugu co hakuno y’ uruzi.


baca bēgēra Zerubabeli n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza, barababgira, bat’ Enda dufatanye namwe kwubaka, kuko dusenga Imana yanyu nk’uko namwe muyisenga; kandi twamye tuyishikanira ibimazi uhereye ku ngoma ya Esarihadoni, umwami w’i Ashuri yatudūganye akatuzana ino.


None rero kw ivyo vyose bidushitseko, tukaba dutsinzwe n’ivyo twakoze vyinshi, tuzize ingeso zacu mbi, nawe Mana yacu ukaba utaduhannye igihano cari gikwiranye n’ibigabitanyo vyacu, kuk’ udushigarije amasigarira angana artya,


Ndavuga, nti Ndakwinginze, ewe Uhoraho, Mana Nyen’ ijuru, Mana nkuru uteye ubgoba, ukagumya isezerano n’ imbabazi ugirira abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe.


Kuk’ Uhoraho asumba vyose ateye ubgoba, N’Umwami ahambaye aganza isi yose.


Mubgire Imana, mut’ Ereg’ ibikorwa vyawe biteye ubgoba! Ubushobozi bgawe bginshi buzotuma abansi bawe bose bakwunamira baguhema.


Ni muze murābe ibikorwa vy’Imana, Iteye ubgoba ku vyo igirira abana b’abantu.


Mose adondera sebukwe ivyo Uhoraho yakoze vyose kuri Farawo n’Abanyegiputa, abahōra Abisirayeli, n’ivyabagoreye mu nzira vyose, n’ingen’ Uhoraho yabakijije.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Nsenga Uhoraho Imana yanje, ndātura, nti Bgirukiro Mana nkuru y’igitinyiro, wewe wama ushitsa isezerano, ukagirira imbabazi abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe:


Ntitwumviye abasavyi bawe, ari bo bavugishwa nawe, bāvuga mw izina ryawe babarira abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu n’abantu bose bo mu gihugu.


Bgirukiro, tweho mu maso hacu, twe n’abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, kuko twagucumuyeko.


Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


Kandi ni mwashishikara kugenda munyuranya nanje, ntimunyumvire, nanje nzokwongera kubateza ivyago ibihetangabo ndwi bihwanye n’ivyaha vyanyu.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


Maze ni mwumvira ayo matēka ashinzwe, mukayitondera, mukayashitsa, Uhoraho Imana yanyu azobashikiriza isezerano, abagirire imbabazi, nk’uko yarahiye ba sogokuruza;


azobakunda, abahe umugisha, abagwize; azohezagira uruvyaro rwo mu nda zanyu, n’imirima yo mu ndimiro zanyu, n’amasaka na vino n’amavuta ya elayo, n’ukugwira kw’ inka zanyu n’ukw’ imikuku yanyu, abihezagirire mu gihugu yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha.


Ntimuze mubatinye, kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari hagati muri mwebge, ar’ Imana ihambaye iteye ubgoba.


Nuko rero mumenye yuk’ Uhoraho Imana yanyu ari yo Mana; n’Imana yo kwizigirwa, yama ishitsa isezerano, ikagirira imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo, ikageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ