31 Yamara naho bimeze birtyo, imbabazi zawe nyinshi zakubujije kubahonnya rwose, ntiwabata, kuk’ ur’ Imana y’inyabuntu kandi y’imbabazi.
Arik’ Uhoraho bamutera akagongwe, abagirira imbabazi, abasubizak’ umutima kubg’ isezerano yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo, ntiyabarandura; no kugeza n’ubu ntiyabaciye.
Ngo Kuko ni mwahindukirira Uhoraho, ab’ i wanyu n’abana banyu bazotera akagongwe abābajanye ar’ inyagano, babarekure bagaruke mur’ iki gihugu; ngo Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ umunyabuntu kandi n’umunyembabazi, ntazobakūrakw inyonga ziwe ni mwamugarukako.
banka kuyumvira, canke ngo bibuke ibitangaza wakoze muri bo; ariko bagamika amazosi yabo, baragarariza, bironderera umugabisha ngo basubire mu buja bāhozemwo. Ariko wewe ur’ Imana ikunda guharira, ur’ inyabuntu, wuzuye imbabazi, uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi; nuko rero ntiwabataye.
ariko na ho nyene kubg’ imbabazi zawe nyinshi ntiwabataye mu bugaragwa; inkingi y’igicu ntiyabavuye imbere ku murango ibarōngōra mu nzira, cank’ inkingi y’umuriro mw ijoro yo kubamurikira, ngw ibereke inzira bacamwo.
Kubg’ izina ryanje reka ntenyenye kukurakira; kubg’ ishimwe ryanje reka nkwihanganire, noye kukurandura.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Igihugu cose kizoba imisaka; yamara sinzogiherengeteza rwose.
Ni mwūrire ku nzitiro zaho, muhonnye; yamara ntimuherengeteze rwose: mukūreh’ amashami yaho, kukw atar’ ay’ Uhoraho.
Yamara no mur’ iyo misi na ho sinzobaherengeteza rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze.
N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera:
Umwami Imana yacu ni we afise imbabazi no guharira ivyaha, naho twamugararije,
kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana y’inyembabazi, ntizobaheba, ntizobarandura, canke ngo yibagire isezerano yasezeranye na ba sogokuruza, ikabarahira.