Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Wama ubahanura kugira ngo basubire gukurikira ivyagezwe vyawe, ariko bo bakagira ubgibone, ntibumvire ivyagezwe vyawe, bagacumura ku mabgirizwa yawe, kand’ ari yo abeshah’ umuntu iy’ ayitondeye; bagakūtsa ibitugu, bakagamika amazosi, bakanka kwumva.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:29
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamar’ Uhoraho yama abūrira Abisirayeli n’Abayuda, abicishije mu bo yavugisha bose no muri ba kamenyi bose, ati Ni muhindukire, mureke ingeso zanyu mbi, mwitondere amabgirizwa yanje n’amateka yanje, nk’ ukw ivyagezwe vyose biri, ivyo nageze ba sogokuruza banyu, nkagenda ndabibabarira, ndabicishije mu basavyi banje navugisha.


Ariko banka kwumva; bashinga amazosi, nk’uko ba sekuruza batizera Uhoraho Imana yabo bāyashinga.


Yamar’ akagenda abarungikira abavugishwa na we bo kubagarukana kuri we, bakāma babāgiriza, ariko bo bakanka kwumva.


Maz’ Uhoraho abūrira Manase n’abantu biwe, ariko ntibābibabara.


Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, akabatumakw intumwa ziwe, akāma azindurwa uko bukeye no kubatuma, kuko yatewe akagongwe n’abantu biwe bo n’ aho hantu yaba.


Mur’ iyo misi mbona bamwe bo mu Bayuda bagana vino kw isabato, n’abandi mbona bimburira mu bigega, abandi baremeka indogoba zabo vino n’inzabibu n’ insukoni n’ibintu vy’uburyo bgose, babizana i Yerusalemu ku musi w’isabato. Mbasanga aho badandariza, ndabahambarira kur’ uwo musi nyene baguriyekw ivyo kurya.


werekanye ibimenyetso n’ibitangaza kuri Farawo no ku basavyi biwe no ku bantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko war’ uzi ko bāgenda babīhayagizako. Uko ni ko wironkeye izina rya rurangiranwa, ari ryo ugifise na bugingo n’ubu.


Ariko ba sogokuruza bacu babaye intahetwa, bagamika amazosi, ntibumvira amabgirizwa yawe;


Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.


yamara bo ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgamika amazosi ngo boye kwumva, canke ngo bemere kwigishwa.


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana kur’ iki gisagara, no ku bindi bisagara vyose vyo hafi yaco, ivyago vyose nakigeneye, kuko bāgamitse amazosi yabo, bakanka kwumva amajambo yanje.


Uhoraho yavuze kuri mwebge, mwa masigarira y’i Buyuda, ngo Ntimukaje muri Egiputa: mumenye mudakekeranya yuko mbibashingiye intahe uyu musi.


Azariya mwene Hoshaya, na Yohanani mwene Kareya, n’abagabo b’abibone bose, babarira Yeremiya, bat’ Uvuze ibinyoma: Uhoraho Imana yacu ntiyagutumye kuvuga, ngo Ntituje muri Egiputa kubayo;


Ntibarīcīsha bugufi gushitsa no kur’ uyu musi, ntibaratinya, ntibaragendera mu vyagezwe vyanje, canke mu mabgirizwa yanje, ivyo nashize imbere yanyu n’imbere ya ba sogokuruza.


ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.


Maze mbaha amabgirizwa yanje, mbamenyesha n’ ivyagezwe vyanje, ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye.


Ariko yishize hejuru, yikomantaje umutima bimuteye gukoresha ubugabo, ataramurwa ku ngoma, kandi bamwāka icubahiro ciwe.


Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.


Uti Nuko muze mwitondere amabgirizwa yiwe, n’ivyagezwe vyiwe; umuntu azokora ivyo, ni vyo bizomubeshaho: nd’ Uhoraho.


Aramubaza, at’ Umbariza iki iciza? Inziza n’Imwe. Arikw asangw’ ugomba kwinjira mu bugingo, witondere ivyagezwe.


Aramubgira, ati Wishuye neza, gira urtyo, uzogira ubugingo.


Mose yanditse, at’ Ūshishikara ukugororoka kuva ku vyagezwe ni kwo kuzomubeshaho.


Arikw ivyagezwe ntibiva ku kwizera, yamara ng’Ūzovyitondera ni vyo bizomubeshaho.


Kand’ ivyo vyago vyinshi n’imibabaro ni vyamara kubazako, iyi ndirimbo izobāgiriza nk’icabona, kukw itazokwibagirana ngw ive mu kanwa k’uruvyaro rwabo. N’ubu nzi ivyo bīgereye mu vyiyumviro vyabo, ntarabashikana mu gihugu narahiye ko nzobaha.


Kuko nzi ubugarariji bganyu, n’ukuntu mutagonda izosi; ko mukunda kugarariza Uhoraho nkiriho, nkiri kumwe namwe mur’ iki gihe, ntimuzorushiriza ni namara gupfa?


uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona yuko mutazobura guhona bidatevye, mugaherengetera mu gihugu mujabuka Yorodani muja kwinjira; ntimuzokirambiramwo, ariko muzorandurwa rwose.


ngw Arababgira, ati Nd’ Uhoraho Imana yanyu, ntimuze mwubahe imana z’Abamori, ben’ iki gihugu murimwo; ngw Ariko mwanka kumwumvira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ