Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ni co catumye ubagabura mu maboko y’abansi babo babashira mu vyago. Maze babonye bari mu vyago, ngo bagutakambire ukabumva uri mw ijuru, ukarungika ababatabara, bakabakūra mu maboko y’abansi babo kubg’ imbabazi zawe nyinshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:27
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Uhoraho aha Abisirayeli uwo kubakiza, bituma bīgobotora mu maboko y’Abasiriya, babona gusubira kwigumira i muhira nk’uko bāhora ubga mbere.


Arik’ Uhoraho ntiyari yaravuze kw azozimanganya izina ry’Abisirayeli musi y’ijuru, nuko rero, abakirisha Yerobowamu mwene Yehowasi.


Nuk’ Uhoraho aheba uruvyaro rwose rwa Isirayeli, abatēza ivyago, abagabura mu maboko y’ababanyaga, kugeza aho yabakomboye bakava imbere yiwe.


ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe mwubaha; nanje nzobarokora mbakūre mu maboko y’abansi banyu bose.


Nci co catumye abatēza umwami w’Abakaludaya, akicisha imisore yabo inkota, akabatsinda mu rusengero rwabo, ntagirire akagongwe umusore cank’ umwigeme, umutāma cank’ umusāza bukokori; bose akabagabura mu maboko yiwe.


ariko na ho nyene kubg’ imbabazi zawe nyinshi ntiwabataye mu bugaragwa; inkingi y’igicu ntiyabavuye imbere ku murango ibarōngōra mu nzira, cank’ inkingi y’umuriro mw ijoro yo kubamurikira, ngw ibereke inzira bacamwo.


Idukiza abarwanizi bacu, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira.


Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.


Kand’ abatabazi bazodūga ku musozi Siyoni, ngo bacire urubanza umusozi wa Esau; kand’ ubgami buzoba ubg’ Uhoraho.


Kand’ uk’ Uhoraho yabaha umucamanza, yaba kumwe n’uwo mucamanza, akabakiza, akabakūra mu maboko y’abansi babo igihe cose uwo mucamanza akiriho, kuko vyamutera akagongwe kwumva iminiho yabo banihishwa n’ababahahaza bakabacuranguza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ