Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:26
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ngw Arik’ ukora ibibi kurenza abakubanjirije bose, ng’ Uragenda wironderera izindi mana z’ibishushanyo bivugutiwe mu nkero, ng’ Uramuratsa, umushiburira inyuma yawe;


Mbega none mugenzi, nta ho bakubariye ivyo nakoze, igihe Yezebeli yica abavugishwa b’Uhoraho, ko nanyegeje abantu b’abavugishwa ijana, mirongwitanu mw isenga rimwe, yindi mirongwitanu mu rindi, nkabagaburira ivyo kurya n’amazi?


ushime, aho Yezebeli yahonnya abavugishwa b’Uhoraho, Obadiya yahitanye abavugishwa ijana, arabanyegeza, mirongwitanu mw isenga rimwe, yindi mirongwitanu mu rindi, akabagaburira ivyo kurya n’amazi.


Na we arishura, ati Nagize ishaka ryinshi ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo; kukw Abisirayeli bavuye mw isezerano ryawe, bagahomvagura ibicaniro vyawe, kandi bicishije inkota abavugishwa nawe; ni jewe jenyene nsigaye, nanje nyene barangenza ngo banyice.


Bukeye Uhoraho avugira mu basavyi biwe yavugisha,


ati Manase umwami w’i Buyuda ko yakoze ivyo bizira vyose vy’ubuyobe, agakora ibibi kuruta ivyo Abamori bāmubanjirije bākoze vyose, agacumurisha Abayuda ibishushanyo vyiwe;


Ariko bagashinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo, bagatwenga abo yavugisha, gushitsa ah’uburake bg’Uhoraho bgabaye ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa.


Mbere naho bicuriye igishushanyo c’ imasa kivugutiwe, bakavuga, bat’ Eh’ imana yanyu yabakuye muri Egiputa! bagakora ivyo kukuratsa bikomeye;


Wama ubahanura kugira ngo basubire gukurikira ivyagezwe vyawe, ariko bo bakagira ubgibone, ntibumvire ivyagezwe vyawe, bagacumura ku mabgirizwa yawe, kand’ ari yo abeshah’ umuntu iy’ ayitondeye; bagakūtsa ibitugu, bakagamika amazosi, bakanka kwumva.


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


K’ur’ inyankaguhanwa, Ugashiburira amajambo yanje inyuma yawe!


Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bāmutaye, ni k’Uhoraho agize, bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta, ntibitondere ivyagezwe vyiwe;


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Ushime nabashikanye mu gihugu cama kirumbuka, ngo murye ivyo cera n’ivyiza vyaco; ariko mumaze kucinjira mwāhumanije igihugu canje, muhindura umwandu wanje ikizira.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


Uhoraho yavuze kuri mwebge, mwa masigarira y’i Buyuda, ngo Ntimukaje muri Egiputa: mumenye mudakekeranya yuko mbibashingiye intahe uyu musi.


Arikw abana babo na bo bārangararije; ntibāgendera mu mabgirizwa yanje, ntibakomeza ivyagezwe vyanje ngo bavyitondere, kand’ ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye; bāzirūye amasabato yanje; nuko rero nca mvuga ko ngiye kubasukak’ uburake bganje, nkabīmarirakw ishavu mu bugaragwa.


Maz’ abo barimyi bafata ba bakozi biwe, umwe baramushishagura, uwundi baramwica, uwundi bamutera amabuye.


Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:


Abaha n’amata y’urubu n’ amatāmatāma, N’ibinure vy’abana b’intama n’ivy’ amapfizi y’intama, N’amasho y’i Bashani, n’ impene, N’ingano zitengengeye nziza; Mwanyoye vino, ari yo maraso y’inzabibu.


Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, atēra akagere: Yaravyibushe, arasenyuka, acika igisēme; Maz’ aca areka Imana yamuremye, Akēngēra ca Gitandara c’ agakiza kiwe.


Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’ Abamoni n’iz’ Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ