Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.
Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bāmutaye, ni k’Uhoraho agize, bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta, ntibitondere ivyagezwe vyiwe;
baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.
Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:
Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’ Abamoni n’iz’ Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba.