Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Batsinda ibisagara bikomeye bifise inzitiro z’amabuye, bashikīra n’intāra zimera cane, binjira n’amazu yuzuye ivyiza vyose, bashikīra n’ ivyobo vyimbiwe kubīka amazi, n’imirima y’imizabibu n’iy’ imyelayo, n’ibindi biti vyama vy’isinzi, bararya barahāga baravyibuha, bidibamira mu vyiza vyose wabahaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:25
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ngw Arik’ ukora ibibi kurenza abakubanjirije bose, ng’ Uragenda wironderera izindi mana z’ibishushanyo bivugutiwe mu nkero, ng’ Uramuratsa, umushiburira inyuma yawe;


Ku musi ugira umunani w’ iyinga rya kabiri umwami asezera abantu, baramuhezagira, basubira i wabo banezerewe, bahimbawe mu mitima yabo kubg’ ivyiza vyose Uhoraho yagiriye umusavyi wiwe Dawidi n’abantu biwe b’Abisirayeli.


Ariko mu kuganza kwabo, no mu vyiza vyinshi wabahaye, no mu gihugu kininiya kimera cane wabagabiye, ntibāgukoreye ngo bahindukire bareke ibikorwa vyabo bibi.


Abaha ibihugu vy’abanyamahanga, Batwara ivyo abanyamahanga bācumukuriye:


Wambika umwaka kugira neza kwawe nk’igitsibo, Mu burari bgawe handagaza umugisha,


Sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’ Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, Ngatukisha izina ry’Imana yanje.


Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarābīshe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire.


Nzokwamamaza ukugira neza kw’Uhoraho n’ishimwe ryiwe, nk’ ukw ivyo Uhoraho yatugiriye vyose bingana; mvuge n’ivyiza vyinshi yagiriye inzu ya Isirayeli, nk’ukw imbabazi ziwe ziri, kandi nk’uk’ ukugira neza kwiwe kwinshi kungana.


Ushime nabashikanye mu gihugu cama kirumbuka, ngo murye ivyo cera n’ivyiza vyaco; ariko mumaze kucinjira mwāhumanije igihugu canje, muhindura umwandu wanje ikizira.


Imitima y’ abaherezi nzoyihāza ibinure, kand’ abantu banje bazohāzwa n’ ivyiza vyanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


ni kur’ uwo musi nyene namanitse ukuboko mbarahira ko nzobakūra mu gihugu ca Egiputa nkabajana mu gihugu nabatoreye, igihugu gitemba amata n’ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose.


Mu gihe c’impore azotera intambara aharusha ahandi kumera mu gihugu; azokora ivyo ba sekuru na ba sekuruza batigeze gukora; azogabanganya abantu amasahu n’iminyago n’itunga; mber’ azomara igihe gitoya yīgīriye imigabo yo gutera amaboma akomeye.


Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Ivyo bisagara vyose vyari bikīkūjwe n’inzitiro ndende z’amabuye zirikw inzugi zugarijwe ibihindizo; hāri n’ibindi bisagara vyinshi cane bitāgira inzitiro.


Yabahaye kugenda bajandagira ku mpinga z’imisozi yo mu gihugu, Barya ivyeze vyo mu mirima; Abaha kuvotagira ubūki bgo mu bitandara, N’amavuta ya elayo ava mu rutare rukomeye;


Abaha n’amata y’urubu n’ amatāmatāma, N’ibinure vy’abana b’intama n’ivy’ amapfizi y’intama, N’amasho y’i Bashani, n’ impene, N’ingano zitengengeye nziza; Mwanyoye vino, ari yo maraso y’inzabibu.


Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, atēra akagere: Yaravyibushe, arasenyuka, acika igisēme; Maz’ aca areka Imana yamuremye, Akēngēra ca Gitandara c’ agakiza kiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ