23 Wagwije abana babo bangana n’inyenyeri zo kw ijuru, ubashira mu gihugu wabariye ba sekuruza babo ngo bacinjire bacegukire.
Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubarira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu. Aca ahubaka igicaniro, yubakiye Uhoraho amwiyeretse.
Kur’ uwo musi nyene Uhoraho asezeranira Aburamu isezerano, at’ Uhereye ku ruzi rwo muri Egiputa, ugashitsa ku ruzi runini ari rwo Efurate, uruvyaro rwawe ndaruhaye iki gihugu,
Amusohokana hanze, aramubgira, ati Rangamiza, urābe mw ijuru, uharūre inyenyeri, namba woshobora kuziharūra. At’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.
Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.
eka mbere no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kugwiza nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi ruzokwegukira amarembo y’abansi barwo;
Ba urasuhukiye mur’ iki gihugu, nanje nzobana nawe, nguhe umugisha; kuko wewe n’ uruvyaro rwawe nzobaha ibi bihugu vyose; kandi nzokomeza indahiro narahiye Aburahamu so;
Ariko Dawidi ntiyaharūra abatarashikana imyaka mirongwibiri, kuk’ Uhoraho yavuze yukw azogwiza Abisirayeli, bakangana n’inyenyeri zo kw ijuru.
Ariko, uko barushiriza kubatwaza ituntu, na bo ni ko barushiriza kugwira no kugasāra; nukw Abanyegiputa karabarya mu nda kubg’ Abisirayeli.
Abisirayeli bararondoka, baravyara cane, baragwira, baba igisata; buzura ico gihugu.
Kandi muzosigara mur’ inkehwa, naho muzoba mwanganya ubginshi n’inyenyeri zo kw ijuru; kuko muzoba mutumviye Uhoraho Imana yanyu.