Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Wabagabiye ibihugu vy’abami ubaha n’amahanga, ubagabanganya imigabane nk’ukw imiryango yabo iri, begukira igihugu ca Sihoni umwami w’i Heshiboni, n’ igihugu ca Ogi umwami w’i Bashani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:22
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abaha ibihugu vy’abanyamahanga, Batwara ivyo abanyamahanga bācumukuriye:


Maz’ Umwami Imana aribambura, nk’uwar’ asinziriye, Nk’umuhizi asemerezwa cane na vino.


mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.


amaze gutsinda Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, na Ogi umwami w’i Bashani yaba ahitwa Ashitaroti n’ahitwa Edireyi.


Nari mmaramaje kubashwiragiriza kure, Nkazimanganya ukwibukwa kwabo mu bantu,


bakiri hakuno ya Yorodani, ku mwonga aharābana n’i Beti‐Peyori, mu gihugu car’ ica Sihoni umwami w’Abamori, yaba i Heshiboni, uwo Mose n’Abisirayeli banesheje, igihe bari baravuye muri Egiputa;


bakegukira igihugu ciwe n’ica Ogi, umwami w’i Bashani; abo bompi bar’ abami b’Abamori, baganza hakuno ya Yorodani ahahera i burasirazuba,


Maze bakiriko barahunga Abisirayeli, bakimanuka bava i Beti‐horoni, Uhoraho arekura imināna ivuye mw ijuru, igenda irabahonda barinda bashika i Azeka. Nuko barapfa: abishwe n’ urwo rubura bāruta abo Abisirayeli bicishije inkota.


Uko ni ko Yosuwa yanesheje ico gihugu cose, nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose. Maze Yosuwa akigabanganya Abisirayeli ngo kibe ishamvu yabo, nk’ukw imiryango yabo iri. Nukw igihugu gihabga impore.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ