Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Wabatungiye mu bugaragwa kumara imyaka mirongwine, ntibāgira ico bakena; impuzu zabo ntizabashirirako, ibirenge vyabo ntivyavyimba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:21
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imigunza y’intambge ishobora kuburanirwa no gusonza, Arikw abarondera Uhoraho ntibazogira iciza bakena.


Abisirayeli bamara imyaka mirongwine barya manu, bageza aho bashikiye mu gihugu kirimw’ abantu; barya manu bashitsa aho bagereye ku rugabano rw’igihugu c’i Kanani.


Mbega mwaranzaniye ibimazi n’amashikanwa mu bugaragwa ya myaka ukw ari mirongwine, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Yihanganira ingeso zabo nk’imyaka mirongwine mu bugaragwa.


Uti Kuko we, Uhoraho Imana yanyu, yama abaha umugisha mu bikorwa vyanyu vyose; uti Kukw azi ivy’ urugendo rwanyu rwo mur’ ubu bugaragwa buhambaye; uti Kand’ ubgiwe, Uhoraho Imana yanyu, yabanye namwe iyi myaka ukw ari mirongwine, nta kintu mwakennye.


Kand’ Uhoraho ati Namaze imyaka mirongwine mbarōngōra mu bugaragwa; imyambaro yanyu ntiyabashiriyeko, n’ inkweto zo mu birenge vyanyu ntizabashiriyeko.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


Impuzu zanyu ntizabashiriyeko, cank’ ibirenge vyanyu ngo bivyimbe, iyi myaka ukw ari mirongwine.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ