Uti Kuko we, Uhoraho Imana yanyu, yama abaha umugisha mu bikorwa vyanyu vyose; uti Kukw azi ivy’ urugendo rwanyu rwo mur’ ubu bugaragwa buhambaye; uti Kand’ ubgiwe, Uhoraho Imana yanyu, yabanye namwe iyi myaka ukw ari mirongwine, nta kintu mwakennye.
Kand’ Uhoraho ati Namaze imyaka mirongwine mbarōngōra mu bugaragwa; imyambaro yanyu ntiyabashiriyeko, n’ inkweto zo mu birenge vyanyu ntizabashiriyeko.