Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Wabahaye Mpwemu wawe mwiza wo kubaha ubgenge, ntiwabimye manu yawe yo kurya, ubaha n’amazi yo kubamara inyota.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:20
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Atobora igitandara, amazi aradudubiza, Atemba ahantu hagadutse nk’ uruzi.


Unyigishe gukora ivyo ugomba, kukw ari wewe Mana yanje: Mpwemu wawe mwiza andōngōre mu nzira irashe.


Abisirayeli babibonye, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki? kuko batāmenye ivy’ ari vyo. Mose arababgira, at’ Uwo n’umutsima Uhoraho abahaye kw ivyo kurya.


Abisirayeli bamara imyaka mirongwine barya manu, bageza aho bashikiye mu gihugu kirimw’ abantu; barya manu bashitsa aho bagereye ku rugabano rw’igihugu c’i Kanani.


Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ngira ngo ndabacuncuburire umutsima uvuye mw ijuru: uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ivy’ uwo musi, kugira ngo mbagerageze ndābe yuko bitondera ivyagezwe vyanje, canke ko batavyitondera.


Abantu bahicirwa n’inyota, bidodombera Mose, bati Wadukūriye iki muri Egiputa kutwicisha inyota, twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?


Ehe rāba nanje ndahagarara imbere yawe hariya ku gitandara c’i Horebu; nawe uheze uje gukubita ico gitandara, amazi aca yisuka avuye muri co, abantu banywe. Nuko Mose abikora artyo imbere y’abakuru b’Abisirayeli.


Kand’ aho yabarōngōra mu bugaragwa nta ho bishwe n’inyota; yabatembeshereje amazi ava mu gitandara; yasatuye igitandara, amazi arasendanisha.


Ntibazokwicwa n’inzara canke n’inyota, kand’ indugumba ntizobahundagaza cank’ izuba: kuk’ uwabagiriye ikigongwe azobaja imbere, akabashikana no ku masōko y’amazi.


nk’ukw ijambo ryanje riri nabasezeraniye igihe mwava muri Egiputa, kandi Mpwemu wanje akaba muri mwebge: nuko ntimutinye.


Nanje mpava mmanuka, mbonanireyo nawe; nābīre ku mpwemu iri kuri wewe, ndayishire kuri bo; na bo bazofatanya nawe uwo mutwaro w’abantu, ureke kugenda uwuteruye wenyene.


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


Nuko ndabinginga, bene Data, kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, no kubg’ urukundo ruva kuri Mpwemu, murwanane nanje munsabire Imana,


bose bagasangira vya vyo kurya vy’impwemu,


kukw imbuto y’umuco iboneka mu ngeso nziza zose no mu kugororoka no mu kuri.


Maz’ uwo musi nyene bariye ku vyeze mur’ ico gihugu, manu ntiyongera kuboneka; Abisirayeli ntibongera kubona manu ukundi, arik’ uwo mwaka bakomeje kurya ivyeze mur’ ico gihugu c’i Kanani.


kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ