Nehemiya 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 Ab’ uruvyaro rwa Isirayeli bītandukanya n’abanyamahanga bose, barahagarara bātura ivyaha vyabo n’ibicumuro vya ba sekuruza. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nukw ivyo vyose birangiye, abakuru baraza barambarira, bat’ Abisirayeli n’abaherezi n’ Abalewi ntibitandukanije n’abantu bo mur’ ibi bihugu, ariko bakora ivy’ ubuyobe, ivy’ Abanyakanani n’ivy’ Abaheti n’ivy’ Abaferizi n’ivy’ Abayebusi n’ivy’ Abamoni n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abanyegiputa n’ivy’ Abamori;
None tega ugutwi kwawe wumvirize, tereza n’inyonga zawe witegereze, kugira ngo wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe nsengera imbere yawe mur’ iyi misi ku murango no mw ijoro, nkwingingira abasavyi bawe b’ Abisirayeli, nātura ivyaha twebge Abisirayeli twagucumuyeko; mbere twe n’inzu ya data twaracumuye.
Kandi n’abandi bantu bose, abaherezi n’Abalewi n’abashibamyi n’abaririmvyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abandi bose bamaze kwitandukanya n’amahanga yo mu bihugu, kugira ngo bitondere ivyagezwe vy’Imana, hamwe n’abagore babo n’abahungu babo n’abakobga babo, umuntu wese aciye ubgenge ashobora kubitahura;