Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 ariko na ho nyene kubg’ imbabazi zawe nyinshi ntiwabataye mu bugaragwa; inkingi y’igicu ntiyabavuye imbere ku murango ibarōngōra mu nzira, cank’ inkingi y’umuriro mw ijoro yo kubamurikira, ngw ibereke inzira bacamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:19
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubarōngōza inkingi y’igicu ku murango n’ inkingi y’umuriro mw ijoro, kugira ng’ ubamurikire mu nzira bacamwo.


Ni co catumye ubagabura mu maboko y’abansi babo babashira mu vyago. Maze babonye bari mu vyago, ngo bagutakambire ukabumva uri mw ijuru, ukarungika ababatabara, bakabakūra mu maboko y’abansi babo kubg’ imbabazi zawe nyinshi.


Yamara naho bimeze birtyo, imbabazi zawe nyinshi zakubujije kubahonnya rwose, ntiwabata, kuk’ ur’ Imana y’inyabuntu kandi y’imbabazi.


Akabibukira isezerano yabasezeraniye, Akagarukana umutima, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.


Ni mushime iyarōngōye abantu bayo mu bugaragwa, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira.


Kandi mu rugendo rwabo rwose, iy’ ico gicu kivuye kur’ iryo hema kigasubira hejuru, Abisirayeli bāca bafata inzira;


Kukw ico gicu c’Uhoraho ku murango caba kur’ iryo hema, mw ijoro kikākamw’ umuriro, imbere y’ab’ inzu ya Isirayeli bose, mu rugendo rwabo rwose.


Wibuke ivyo, yewe Yakobo, yewe Isirayeli, kuk’ ur’ umusavyi wanje. Ni jewe nakubumvye, ur’ umusavyi wanje: yewe Isirayeli sinzokwibagira.


N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera:


Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’ amahanga, ari yo nyene yar’ abahanze amaso igihe nabakūrayo.


Yamar’ ijisho ryanje rirabaziguriza sinabahonnya, sinabaherengetereza rwose mu bugaragwa.


Yamara nagaruye ukuboko kwanje, ndwanira izina ryanje ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga, ari yo nyene yabahanze amaso igihe nabakūrayo.


Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.


Umwami Imana yacu ni we afise imbabazi no guharira ivyaha, naho twamugararije,


Kuko jewe Uhoraho ata ho mpinduka; ni co gituma, mwebge bana ba Yakobo, mutāmazwe rwose.


na bo bazobibgira ben’ ico gihugu: barumvise yuko wewe, Uhoraho, uri hagati mur’ aba bantu; kuko wewe, Uhoraho, uboneka imbonankubone, n’igicu cawe kigahagarara hejuru yabo, kand’ ukaja imbere yabo uri mu nkingi y’igicu ku murango, no mu nkingi y’umuriro mw ijoro.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


Uhoraho ntazoheba abantu biwe, kubg’ izina ryiwe rikuru, kuko vyahimbaye Uhoraho kubagira abantu biwe yiharije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ