Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 banka kuyumvira, canke ngo bibuke ibitangaza wakoze muri bo; ariko bagamika amazosi yabo, baragarariza, bironderera umugabisha ngo basubire mu buja bāhozemwo. Ariko wewe ur’ Imana ikunda guharira, ur’ inyabuntu, wuzuye imbabazi, uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi; nuko rero ntiwabataye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:17
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nzoba mu Bisirayeli, sinzoheba abantu banje.


Uhoraho Imana yacu abane natwe, nk’uko yabana na ba sogokuruza bacu; ntaz’ aduhebe, ntaz’ adute,


Na we agarariza umwami Nebukadineza, kandi yari yaramurahije Imana; nukw agamika izosi, yikomantaza umutima, ntiyahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli.


Kuko na none tur’ abagurano; arikw Imana yacu ntiyaduhebeye mu bugurano bgacu, arikw itugirira ikigongwe, yerekana imbabazi kuri twebge imbere y’abami b’i Buperesi, iraduhēmbūra, kugira ngo dusubire twubake ingoro y’Imana yacu, kandi ngo dusane ahasenyutse hayo, ngw iduhe n’uruzitiro rudukikije i Buyuda n’i Yerusalemu.


Yamara naho bimeze birtyo, imbabazi zawe nyinshi zakubujije kubahonnya rwose, ntiwabata, kuk’ ur’ Imana y’inyabuntu kandi y’imbabazi.


Ariko bibagira n’ingoga ibikorwa yakoze, Ntibarorēra kw ishitsa imigabo yayo.


Ba sogokuruza ntibātahuye ibitangaza vyawe wakoreye muri Egiputa; Ntibibutse isinzi ry’imbabazi zawe, Ariko bagaraririza ku kiyaga, ni co Kiyaga Gitukura.


Ariko guharirwa kubonerwa kuri wewe Kugira ngo wubahwe.


Ntibitondeye isezerano ry’ Imana, Banse kugendera mu vyagezwe vyayo;


Bibagiye ivyo yakoze, N’ibikorwa vyayo bitangaje yaberetse.


Ariko yo, kuko yuzuye imbabazi, iharira ukugabitanya kwabo, ntibahonnye, Mbere kenshi iroresha irya uburake bgayo, Ntikangure uburake bgayo bgose:


Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.


Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.


Uhoraho arongera abarira Mose, at’ Abo bantu ndababonye ico barimwo: n’abantu batagonda izosi;


Ko nabahamagaye, namwe mukanka; Nkabākura, ntihagire ūbibabara;


Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana kur’ iki gisagara, no ku bindi bisagara vyose vyo hafi yaco, ivyago vyose nakigeneye, kuko bāgamitse amazosi yabo, bakanka kwumva amajambo yanje.


ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.


Ariko hāgararije amabgirizwa yanje, hakora ibibi kurusha abanyamahanga; hāgararije ivyagezwe vyanje kurusha ibihugu bihakikije; bāshibuye amabgirizwa yanje, n’ ivyagezwe vyanje ntibābigenderamwo.


Umwami Imana yacu ni we afise imbabazi no guharira ivyaha, naho twamugararije,


imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


Ariko naho bizomera birtyo, sinzobaheba, igihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, kandi sinzobazinukwa, ngo ndabahenebereze rwose, mve mw isezerano ryanje nabasezeraniye: kuko nd’ Uhoraho Imana yabo.


Uhoraho ateba kuraka, kand’ afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa; inzira y’Uhoraho ica mu gashururu no mu kirura, kand’ ibicu ni wo mukungugu utumurwa n’ibirenge vyiwe.


Uhoraho abarira Mose, at’ Aba bantu bazogeza hehe kunkēngēra? Bazogeza hehe kutanyizera, naho nakoreye ibitangaza bingaho hagati muri bo?


Mose arababaza, ati None n’iki kibatera gucumura ku cagezwe c’Uhoraho? Ereg’ ico mukora ntikija kugenda neza.


Kandi ntiyatujanye mur’ ico gihugu kindi gitemba amata n’ubūki nyene, canke ngw aduhe amashamvu y’amatongo n’ inzabibu. Mbeg’ agomba kunogora aba bantu amaso? Eka ntitumwitaba na mba!


Ba sogokuruza banse kumwumvira, baramwikunkumura, basubira muri Egiputa mu mitima yabo,


Kuko yabgiye Mose, iti Nzogirira ikigongwe uwo nzokigirira, ngirire n’imbabazi uwo nzozigirira.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Uhoraho ntazoheba abantu biwe, kubg’ izina ryiwe rikuru, kuko vyahimbaye Uhoraho kubagira abantu biwe yiharije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ