Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Wabamenyesheje isabato yawe yera, ubashirirah’ amabgirizwa n’ivyashinzwe n’ ivyagezwe, ubitumye umusavyi wawe Mose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:14
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza: kukw ari wo Imana yaruhukiyekw ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze.


Ni wibuke ijambo wabariye umusavyi wawe Mose, uti Ni mwandyaruka nzobashwiragiriza mu mahanga;


Kandi dushinze gutanga uk’ umwaka utashe ikigiragatatu ca shekeli, bize bikoreshwe mu ngoro y’Imana yacu,


Arababarira, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, at’ Ejo uzoba umusi wo kuruhūka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho; ni bagende barondere ivyo bagomba, bateke ivyo bagomba; ibisāgutse babibīke, babirāze.


Rāba, jewe Uhoraho ko nabahaye isabato, ni co catumye mbaha ivyo kurya vy’imisi ibiri ku wa gatandatu. Umuntu wese n’agume ah’ ari, ntihagire umuntu ayegayega ku musi ugira indwi.


Uhoraho abarira Mose, ati Dūga, uze aho ndi kur’ uyu musozi, ugumeho; nanje nzoguha ibisate vy’amabuye birikw ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo nanditse ng’ uvyigishe.


Maze mbaha amabgirizwa yanje, mbamenyesha n’ ivyagezwe vyanje, ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye.


Ikigeretseko, mbaha n’amasabato yanje, ngw abe ikimenyetso hagati yanje na bo, kugira ngo bamenye yukw ari jewe Uhoraho mbeza.


mweze amasabato yanje, abe ikimenyetso hagati yanje namwe, kugira ngo mumenye yuko jewe nd’Uhoraho Imana yanyu.


Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ivyo ni vyo vyagezwe Uhoraho yagereye Mose ku musozi Sinayi, ngw abishikirize Abisirayeli.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


ari vyo vyashinzwe bo n’amabgirizwa n’amatēka Mose yabashikirije igihe bari bavuye muri Egiputa,


Rāba ndabigishije amabgirizwa n’amatēka ashinzwe, nk’uk’ Uhoraho Imana yanje yangeze, kugira ngw abe ari ko muzogenza mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.


At’ Ariko weho, ugume hano aho ndi, nkubarire ivyagezwe vyose n’amabgirizwa n’ibishinzwe ukwiye kubigisha, kugira ngo baze bavyitondere bashitse mu gihugu nabahaye kuzokwegukira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ