Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Watandukanije ikiyaga mu maso yabo, na bo bagicamwo nk’ abagenda ku musozi, arikw ababakurikiye babahīga ubakororera i bgina, badobera mu mazi maremare nk’ ibuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:11
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yahinduye ikiyaga ahūmūtse, Kandi baciye mu ruzi n’ ibirenge: Aho ni ho twayinezererewe.


Yasatuye ikiyaga, ibacisha hagati yaco; Ihagarika amazi nk’ikirundo.


Uhoraho ni we agira ngw abarwanire, namwe ni mwinumire gusa.


Atuma amagurudumu y’ imikogote yabo afata, ntiyaba igikwegeka neza. Maz’ Abanyegiputa baravugana, bat’ Enda duhunge, tureke Abisirayeli, kuk’ Uhoraho abatabara, ari we aturwanya.


Arikw Abisirayeli bāciye hagati mu kiyaga nk’abaca ku musozi, amazi ababera nk’umurombero i buryo n’i bumoso.


Ni wewe washizeh’ ibimenyetso n’ ibitangaza mu gihugu ca Egiputa, gushitsa no kur’ uyu musi, mu Bisirayeli no mu bandi bantu, ukīronkera izina rya rurangiranwa, nk’uko rimeze n’uyu musi;


Bene Data, singomba ko mutamenya yuko ba sogokuruza bose bāri musi ya ca gicu, kandi yuko bose bāciye hagati ya ca kiyaga cigabanije,


Ukwizera ni kwo kwatumye baca mu Kiyaga Gitukura, nk’abaca ku musozi, arikw Abanyegiputa babigejeje, bararengerwa.


Umumarayika w’inkomezi araha ikibuye kimeze nk’igisyo kinini, agita mu kiyaga, at’ Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira kuboneka ukundi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ