Nehemiya 9:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)10 werekanye ibimenyetso n’ibitangaza kuri Farawo no ku basavyi biwe no ku bantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko war’ uzi ko bāgenda babīhayagizako. Uko ni ko wironkeye izina rya rurangiranwa, ari ryo ugifise na bugingo n’ubu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.