Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Nehemiya 9:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 werekanye ibimenyetso n’ibitangaza kuri Farawo no ku basavyi biwe no ku bantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko war’ uzi ko bāgenda babīhayagizako. Uko ni ko wironkeye izina rya rurangiranwa, ari ryo ugifise na bugingo n’ubu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Nehemiya 9:10
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ba sogokuruza bacu babaye intahetwa, bagamika amazosi, ntibumvira amabgirizwa yawe;


Wama ubahanura kugira ngo basubire gukurikira ivyagezwe vyawe, ariko bo bakagira ubgibone, ntibumvire ivyagezwe vyawe, bagacumura ku mabgirizwa yawe, kand’ ari yo abeshah’ umuntu iy’ ayitondeye; bagakūtsa ibitugu, bakagamika amazosi, bakanka kwumva.


Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.


Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.


Nuko nzobangura ukuboko kwanje, nkubitishe Egiputa ibitangaza vyanje vyose, ivyo nzokorera hagati muri ho: hanyuma y’ivyo azobarekura.


Farawo arababaza, at’ Uhoraho ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? Uhoraho sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli.


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, nkugize nk’imana kuri Farawo, kandi Aroni mwene nyoko azokuvugira.


ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.


Abona vyinshi yamara ntiyitegereza; amatwi yiwe arazibūtse, yamara ntiyumva.


Ni nde yatumye ukuboko kwiwe kw’ icubahiro kugendera ku ruhande rw’i buryo bga Mose? Ni nde yatandukanije amazi imbere yabo, akīhesha izina ritazoshira?


Nk’ ukw inka zishōka ku mwonga, ni ko Mpwemu w’Uhoraho yabaruhura; uko ni ko warōngōye abantu bawe, kugira ngo wiheshe izina ry’icubahiro.


Ni wewe washizeh’ ibimenyetso n’ ibitangaza mu gihugu ca Egiputa, gushitsa no kur’ uyu musi, mu Bisirayeli no mu bandi bantu, ukīronkera izina rya rurangiranwa, nk’uko rimeze n’uyu musi;


Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga barimwo, ari yo nyene ubgayo nabiyerekeye imbere, igihe nabakūra mu gihugu ca Egiputa.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.


Kandi ga Bgirukiro Mana yacu, wewe wakūje abantu bawe mu gihugu ca Egiputa ukuboko gukomeye, ukīgira rurangiranwa nk’ uko bikimeze n’uyu musi; tweho twaracumuye, twakoze nabi.


Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.


Kukw ivyanditswe vyabgiye Farawo, ngw Icatumye nguhagarika n’ukugira ngo nkwerekanirek’ ubushobozi bganje, kandi ngw izina ryanje rivugwe hose mw isi yose.


Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?


ibigerageza bikomeye amaso yanyu yiboneye, n’ ibimenyetso n’ibitangaza, n’ingen’ Uhoraho Imana yanyu yabakūjey’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye; uko ni kw azogirira amahanga yose muzoba mufitiye ubgoba.


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ